Yafatiwe ku mupaka ashaka gutoroka nyuma yo kwanduza Sida abakobwa 100 | Buja Express
Advertisement
Advertisement
International
Trending

Yafatiwe ku mupaka ashaka gutoroka nyuma yo kwanduza Sida abakobwa 100

Inkuru iri kuvugwa cane muri Kenya no hanze yaho, ni iy’umugabo w’Ingenzi witwa Mike Oliver wanduje SIDA abakobwa n’abagore hafi 100 mu gihe gito yari amaze mu butembere muri Kenya, gusa yafashwe ashaka gutoroka nyuma yo kumuvumbura ko ari umwangizi w’ubuzima bw’abantu.

Amakuru amwe n’amwe dukesha ibinyamakuru vyo muri Kenya nka Kenyatoday ashimangira ko Mike Oliver yanduje agakoko gatera SIDA abantu 100, gusa abagaragaye ku mbuga nkoranyambaga yararanye nabo bagera kuri 20.

Uyu mugabo afashwe bitewe ahanini n’uko mu minsi yaheze yerekanye amafoto y’abagore barenga 20 yerekanako bishimanye, yaje gufatirwa ku mupaka wa Namanga agerageza gutoroka.

Bivugwa ko uyu mugabo w’umunyamahanga yaje muri Kenya mu biruhuko muri iki gihe c’ikiza ca Covid-19. Mu kiruhuko ciwe, yahisemo kwishimira ibihe vyiwe hamwe n’abakobwa beza bakiri bato.

Impwemu mbi yatanguye gututumba binyuze ku mbuga nkoranyambaga bahamya ko yanduye Virusi itera SIDA kandi ko yanduje abo bagore n’abakobwa bose yaryamanye nabo.

Benshi mu bagore yaryamanaga nabo barubatse ndetse na bamwe bitegura gushingirwa. Amafoto y’abakobwa bariko bitegura ubukwe amaze gukwirakwira, gushingirwa kwabo bivugwa ko bisa n’ivyarangiye.

Mike Oliver ivyo yakora vyose vyari bibi cane, uwo yararana nawe yaca amugaragaza ku mbuga nkoranyambaga. Ntabwo abantu bishimiye ivyo uyu munyamahanga yakoze niyo mpamvu yagirizwaa ivyo yakoze vyose ngo aze abibazwe.

Mike Oliver aho yaba ari hose yaba ari kumwe n’umukobwa canke umugore. Amakuru amaze gusakara Oliver yagerageje gutoroka aja hanze y’igihugu ca Kenya ariko yafatiwe ku mupaka wa Namanga mbere y’uko yambuka igihugu asa n’uwerekeza muri Tanzania.

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire