Uwashatse kurya igiturire i Bubanza yaciriwe imyaka 5 | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Justice
Trending

Uwashatse kurya igiturire i Bubanza yaciriwe imyaka 5

Umunyororo w’imyaka 5 n’amande y’amafranga ibihumbi amajana 500 y’amarundi nico gihano umushikirizamanza aserukira leta yasabiye icariho c’umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Bubanza yagirigizwa kwakira igiturire c’amafaranga ibihumbi 400.

Mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kuri uyu wa gatatu muri sentare igwanya ibiturire yahakanye ivyo yagirijwe.

Umushingwamanza wiwe Emmanuel Burakuvye yizera ko sentare izoca inkoni ngufi. Urubanza rwaciye rushirwa mu mw’iherero rukazosomwa itariki 17 Myandagaro uyu mwaka.

Ivyabona vyose bimaze kwumvirizwa, Jean Girukwishaka yaciye asaba ikigongwe Sentare igwanya igiturire, aremanga ivyo yagirizwa. Umushingwamanza wiwe yasavye ko bomugabaniriza igihano.

Urubanza rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero, rukazosomwa kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro 2020.

Tags
Show More
Advertisement

Daniella Ingabire

Daniella Ingabire is a journalist at Buja Express. She studied at the University of Great Lakes. She holds a Bachelor’s degree in Journalism and Communication. She started her career in writing about entertainment in 2019.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire