Uwari yatorotse kubera atowe korona yishikanye | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Health
Trending

Uwari yatorotse kubera atowe korona yishikanye

Kuwa kabiri itariki 11/08/2020 mu ntara ya Gitega, umugabo yitwa Alexis Nimbona yari agwariye mu bitaro kubera yatowemo umugera wa coronavirus yaratototse ivyo bitaro.

Nyuma yakanya gato, buramatari w’intara ya Gitega Venant Manirambona yagirishije inama abajejwe umutekana, ubutungane n’igisirikare aho yabasavye ko uwo Alexis aho yoboneka hose boca bamenyesha inzego z’umutekano kugira afatwe.

Ku mugoroba w’ejo nyene nyuma y’iyo nama buramatari yaraye ashikirije, Alexis Nimbona yari yaratorotse yahavuye yishikanaku bitaro vy’akarere k’intara ya Gitega aho yaciye ashirwa ku muti kugira avugwa.

Amakuru dukura aho i Gitega amenyesha ko uwo murwayi yari yatowemo corona mu ntara ya Karusi aho hari hamaze indwi ari kuronderwa.

Tags
Show More
Advertisement

Ciella Umutoni

Ciella is an author of Entertainment stories. She joined Buja Express in November 2019 and ever since published dozen of articles.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire