Uwahatswe kwica musitanteri wa komine Mwakiro yaciriwe imyaka 15 | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Politics
Trending

Uwahatswe kwica musitanteri wa komine Mwakiro yaciriwe imyaka 15

Sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga yaraye iciriye umunyororo w’imyaka 15 uwahora ari umukuru wa zone Mwakiro muri komine Mwakiro nyene.

Balthazar Nyabenda yaraye aciriwe ico gihano, yahagaritswe n’igipolisi ku musi wa kane w’indwi iheze kw’itariki 30/6/2020.

Yahagaritswe yagirizwa gushaka kwica musitanteri amutwara muri komine Mwakiro ari naco caha yashengejweko n’umushikirizamanza wa parake yegamiye sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga.

Ni urubanza rwaburanishijwe mu ntahe y’icese y’ikibiriraho nk’uko bitegekanijwe ku manza z’ivyaha vy’abafatanywe itonga.

Igihe yahagarikwa, igipolisi catangaje ko camufatanye ikibugita yitwaje aho yari yatumweko na musitanteri kwisigura ku biti vya Leta yari yatemaguye.

Ivyo biti bikaba vyari biteye ku mpade z’ibarabara ku mitumba ya Kibwigwa, Kibande na Butobwe muri komine Mwakiro.

Tags
Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire