Advertisement
Advertisement
International
Trending

Umuyobozi yakubise umugabo yabeshe ko ari umuvyeyi w’umunyeshure

Umuyobozi w’ishuri mu gihugu ca Tanzania,yaciye ibintu hirya no hino kubera ukuntu yakubitiye imbere y’abanyeshuri bose umugabo wazanywe ku ishuri n’umunyeshuri wari wirukanwe abesha ko ari umuvyeyi wiwe.

Mu mashusho yakwirakwijwe mu binyamakuru, yagaragaje uyu muyobozi w’ikigo c’ishuri yateranyije abanyeshure bose n’abarimu arangije azana uyu muvyeyi w’umubeshi n’umwana wamuzanye arabanenga karahava.

Mu rurimi rw’igiswayili, uyu muyobozi yagize ati “Nirukanye uyu muhungu kugira ngo aje iwabo kuzana umuvyeyi wiwe ariko aragenda azana uwo atoraguye mw’ibarabara. Uyu munyeshure afise ikosa rikomeye dushaka kuganira n’abavyeyi biwe. Ariko n’ikigugu cane yagiye mu rugo azana uyu mugabo avuga ko ari umugabo wa nyina.

Ndamutse mujanye kuri polisi, uyu mugabo yofungwa imyaka 6 azira kwiyitirira uwundi muntu. Reka ntidukoreshe ubwo buryo ahubwo ngiye kumukubita inkoni 6.”

Uyu mugabo yaciye asabwa kuryama hasi bamukubita izi nkoni 6 ku mugaragaro abanyeshure bose bari gufana cane.

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire