Umukobwa w’imyaka 13 yavyaye umwana yemeza ko yatewe inda n'umwana w'imyaka 10 | Buja Express
Advertisement
Advertisement
International
Trending

Umukobwa w’imyaka 13 yavyaye umwana yemeza ko yatewe inda n’umwana w’imyaka 10

Umukobwa w’imyaka 13 akomoka mu Burusiya witwa Darya Sudnishnikova,yavyaye umwana w’umukobwa yongera gushimangira ko iyo nda yayitewe n’umukunzi wiwe w’imyaka 10 witwa Ivan.

Uyu mukobwa waciye ibintu ku isi ubwo yatangaza ko yibungenze ndetse inda yayitewe n’uyu mwana muto, benshi barabihakanye bavuga ko umwana angana gutyo atotera inda.

Uyu mukobwa yateje impaka ndende hirya no hino ku isi benshi bemeza ko iki ari ikinyoma ariyo mpamvu uyu mukobwa yaje kuvuga ko yaje gufatwa ku nguvu n’umuhungu w’imyaka 16 wo mu gace ka Zheleznogorsk babamo.

Uyu mukobwa yaje gutangariza abamukurikira ku mbuga nkoranyambaga ko yaciye mu bihe bikomeye ubwo yari agiye kuvyara uyu mwana wiwe w’umukobwa.

Yagize ati: “Vyarangiye. Navyaye umwana w’umukobwa saa ine z’umurango .Vyari bikomeye ariko ndaza kubaha amakuru nyuma. Ndaruhutse.”

Uyu mukobwa w’umunyeshure yabaye icamamare ubwo yatangaza ko yatewe inda n’uyu mwana w’imyaka 10 vyatumye abagera kuri ibihumbi 350 bamukurikira ku mbuga nkoranyambaga.

Daria afise inda. Photo: Instagram

Uyu mwana w’umukobwa ubwiwe yari afise yabwiye abanyamakuru ko yakunze uyu mugenzi wiwe w’imyaka 10 bakibonana baca bakora imibonano mpuzabitsina amutera inda.

Aba bana bombi babana mu rugo rumwe aho abavyeyi babo bari kwita kuri uyu mukobwa ngo azobashe kwibaruka neza.

Daria w’imyaka 13 na Ivan w’imyaka 10 bagaragaye kuri TV y’iwabo mu Burusiya bavuga ku rukundo rwabo rwarangiye umwe ateye uwundi inda kandi bakiri bato.

Aba bana bavuze ko bahuye mu mwaka uheze urukundo ruhita rubashibukamo bakibonana bwa mbere. Aba bana batanze ikiganiro kuri TV babihawe uburenganzira n’abavyeyi babo.

Ubwo Daria yari afise inda y’indwi 8 yagize ati “Incuti yanje yaraduhuje nyuma y’iminsi ibiri dutangira guteretana. Ivan yambwiye ko yankunze, tugerageza kuja tumarana iminsi turi kumwe.Twakunda gutemberana mw’ibarabara dufatanye agatoki ku kandi ndetse tunasomana.”

Umwe mu babanyi b’aba bana yemeje ko Ivan ariwe wateye inda uyu Daria gusa muganga witwa Dr Evgeny Grekov yavuze ko uyu mwana ari muto cane atotera inda.

Yagize ati “Twagerageje gukora isuzuma muri laboratoire incuro 3 nta kosa twakoze. Ivan nta ntanga afise. Aracari muto cane. Nta misemburo ya kigabo [ testosterone] aragira. Ntabwo arakura aracafise ibice vy’umubiri vy’abana.”

Aba bana bombi ngo babana nk’umugabo n’umugore ndetse ku mbuga nkoranyambaga zabo bandikako ko bashingiranywe [married].

Daria yavuze ko we na Ivan bakoze imibonano mpuzabitsina bwa mbere ubwo umuvyeyi w’uyu muhungu atari mu rugo ndetse ngo babigize ibanga cane.

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire