Umugore yabonetse areremba hejuru y’amazi ari muzima | Buja Express
Advertisement
Advertisement
International
Trending

Umugore yabonetse areremba hejuru y’amazi ari muzima

Umuvyeyi w’imyaka 46 witwa Angelica Gaitan ukomoka muri Colombia yagaragaye areremba hejuru y’amazi nyuma y’imyaka 2 abagize umuryango wiwe bamurondera baramuburiye irengero.

Uyu mugore wari umaze imyaka 2 yarabuze, yagaragaye ari kureremba hejuru y’amazi ariko yaracitse intege mu gace kitwa Puerto Colombia kuwa 26 Nyakanga 2020.

Uyu mugore yabonywe n’umurovyi witwa Rolando Visbal afise uburwayi bw’umusonga ari kureremba hejuru y’amazi.

Ico yakora mu myaka 2 iheze yaraburiwe irengero n’impamvu yagaragaye areremba mu mazi, biri gukorwaho iperereza n’abajejwe umutekano.

Amashusho yashizwe hanze yagaragaje uyu murovyi ari kumwe na bagenzi biwe bari kugerageza kuvugisha uyu mugore wasa n’uwataye ubwenge.

Visbal yagerageje kuvuga cane ahamagara uyu mugore mu rurimi rw’igi espanyole hanyuma arahindura ashira mu congereza ngo arabe ko bokwumvikana.

Gaitan yakomeje gukwerwa n’aba barovyi bamuzana mu bwato hakoreshejwe umugozi wari uziritseko icatuma areremba.

Uyu murovyi yagerageje kuganiriza uyu mugore ndetse amuha amazi yo kunywa ariko uyu mugore yasa n’uwufise agahinda yatanguye kurira.

Amakuru avuga ko uyu mugore yamaze amasaha 8 areremba hejuru y’amazi ndetse yaciye ajanwa kwa muganga ari mu bubabare bwinshi.

Ivyabaye kuri uyu mugore vyatumye ibinyamakuru vyo mu gace k’iwabo vyandika inkuru nyinshi ariko vyegereye umukobwa w’uyu mugore witwa Alejandra Castiblanco avuga ko bamaze imyaka 2 batazi amakuru ya nyina.

Yavuze ko baketse ko nyina yiyahuye kubera gutandukana na se canke ko yoba yarishwe n’uwo bahoze bakundana.

Alejandra Castiblanco n’abavandimwe biwe bateranyije amafaranga bajana umubyeyi wabo mu gisagara ca Bogota kugira ngo yitabweho.

Tags
Show More
Advertisement

Daniella Ingabire

Daniella Ingabire is a journalist at Buja Express. She studied at the University of Great Lakes. She holds a Bachelor’s degree in Journalism and Communication. She started her career in writing about entertainment in 2019.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire