Umugore yapfuye ariko asambana na padiri | Buja Express
Advertisement
Advertisement
EntertainmentSociety
Trending

Umugore yapfuye ariko asambana na padiri

Ni mugihugu ca zambiya aho uyu mudamu paulas yapfiriye aho yariko aca inyuma umugabo wiwe mw’ijoro ryakeye, akaba yari yavuye muhira asezeraniye umugabo wiwe ko agiye gufatikanya n’abandi bagore basangiye umuhari mw’ishengero rya gatorika.

Umugabo wiwe akaba yavuzeko yarasanzwe aziko umugore wiwe amuca inyuma kuko hari haheze umwaka wose bagenderanira na padiri muri iri joro ryakeyz niho umudamu yinginga umugabo amubwirako afise ibikorwa ku rusengero, ariko ivyo bikorwa bikaba vyariko bikorerwa mu cumba ca padiri, ivyo umugabo wiwe atashoboye kumenya.

Uwabuze abandanya amenyeshako yigeze gufatana umugore wiwe ama message kuri whatsapp yandikiwe n’uwo padiri mukuru wo kuri paruwase yabo, umugore abibonye yahise ashiburira terefone yiwe mumazi ashushe aho yaciye ipfa ubutakigaruka aba azimanganije gutyo ibimenyetso vy’ubucuti bwiwe hamwe na padiri.

Abandanya amenyeshako yagerageje kurondera divorce ariko idini hamwe na leta bikaba bitamworohereje ivyo bikaba vyatumye agumana n’uwo mugore n’abo yari intagata, kubijanye n’icatumye apfira muri ico gikorwa kigayitse yariko arakora umugabo wiwe amenyeshako, yari asanzwe afise ingorane y’umutima aho nawenyene bariko barangura amabanga y’abubatse vyahora bishika kubera ubudyohe bwinshi akabura impemu ariko ku bw’urukundo yamukunda yaca ahagarika kugira ntagirire nabi umugore wiwe.

Rero icatumye apfa muri ico gihe ni uko umutima wamufatiyemwo ariko padiri wewe kubera ubwikunzi ivyo ntiyavyitayeho yabandanije igikorwa n’abo yabona uwo bariko babikorana atagikakaza, gushika iyi saha ekleziya gatorika ntaco irabivugako.

Uyo niwe yasambana n’umugore w’abandi aho yahemutse amupfiriyeko mwomenyako atari ubwa mbere canne ubwa kabiri indongozi z’idini rya gatolika zikora ububisha mwen’ubwo ariko aho gushikirizwa ubutegetsi Banaba baca babimura bakabajana gukorera ahandi birateye agahinda.

Tags
Show More
Advertisement

Achel Uwamahoro

Achel uwamahoro has started to work as journalist and video producer at BMBC, in 2018 and he is the author of most viewed articles posted on the website of that company, which made him as the best promoter of the company. He joined Buja Express in May 2020.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire