Umucamanza yafashwe yaka igiturire | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Justice
Trending

Umucamanza yafashwe yaka igiturire

Janvier Girukwishaka, n’uwusubirira Umushikirizamanza mu ntara ya Bubanza. Amakuru ava muri iyo ntara amenyeshako yafatanywe itonga ariko yaka igiturire kingana n’ibihumbi amajana ane mu mafranga y’amarundi, hari kuri uyu wa 27 Mukakaro 2020.

Ayo makuru abandanya yemeza ko kuva kuri uyu wa mbere uwo Janvier apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi k’intara ya Bubanza kugira ngo amatohoza yimbitse abandanye.

Perezida Evariste Ndayishimiye akija ku butegetsi mu migambi yashikirije harimo ikibazo co kurwanya igiturire mbere aho mu bushikiranganji bwo hagati mu gihugu, bw’iterambere n’umutekano buheruka kwerekana abantu bagera kuri 19 harimo n’intwazangabo bikukanywe mu kazi bazira ubusuma n’igiturire.

Tags
Show More
Advertisement

Bestin Gahore

Bestin Gahore joined Buja Express in 2019. He has a degree in Journalism and fluent in English and French. He's an editor of various categories of news at Buja Express.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire