Ubuzima bwite | Buja Express
Advertisement
Advertisement

Ubuzima bwite

BUJA EXPRESS yiyemeje kubungabunga umwirondoro wawe n’uw’umuryango wawe mugihe uzoba ukorera canke ukoresha ivya BUJA EXPRESS.

Kugirango tubashe kukugezaho ivyo dukora vyose, rimwe na rimwe dukenera kugira amakuru arabana nawe bwite.

Imbuga zifise imihora ija ku zindi mbuga zigengwa n’uwundi muguzi. BUJA EXPRESS ntabwo ishinzwe ibibera hanze y’imbuga zayo.

Niwakoresha iimbuga zitashinzwe na BUJA EXPRESS bizoba ari ku giti cawe canke ibizokurikiraho uzobibazwa.

Ni ayahe makuru BUJA EXPRESS inkeneyeko?

Igihe uzoba wiyandikishije kandi ukaboneka ku rubuga canke ukakira igikorwa ico arico cose kivuye ku rubuga rwa BUJA EXPRESS, akarorero nk’ubutumwa bw’inyandiko, amahiganwa, ibiganiro vy’imbona nkubone n’ikibaho kigenewe kwandikwaho ubutumwa, dushobora kukubaza amakuru ajanye nawe bwite.

Ibi bishobora gushingira ku makuru ajanye n’izina ryawe, aderesi yawe ya email, agasanduka k’iposita, terefone isanzwe canke ngendanwa canke itariki y’amavuko.

Mu gihe uzoba ushira umwirondoro wawe ahabigenewe, uzoba uhaye BUJA EXPRESS n’ahandi hari ibikorwa vyayo uruhusha rwo kuguha ivyo wasavye.

Bifasha BUJA EXPRESS n’umuguzi wayo witumanaho kukugezaho ivyo wifuza.

BUJA EXPRESS ikoresha za cookies canke inyandiko zibikwa na computers. Cookie ni igiharuro gito c’ingufu zikoreshwa kibika amakuru yerekeranywe n’ivyo ukunda gukoresha kuri interineti, hanyuma bikadufasha gushira ku rubuga ibijanye nivyo ukunda mu gihe uba uyikoresha.

Ushobora guhitamo yuko mugihe uri kuri interineti wemereye za cookies zose gukora, gusaba ko babanza kukumenyesha igihe zirungitswe, canke ukaba wohitamo kutagira Cookie nimwe wakira.

Kimwe n’uko twegeranya za IP aderese (IP ni inomero yihariye iranga buri mudasobwa/computer canke ibindi bikoresho vy’ubuhinga bwa none biba kuri internet).

Dukoresha za software zikurikirana zikaraba kuri IP aderese na Cookie kugirango ziperereze ku mikoreshereze yawe ya website yacu.

Aya makuru ntabwo akoreshwa mu kwegeranya inkuru y’ubuzima bwawe kandi impapuro bibikwaho zihora zihanagurwa.

Dukoresha kandi IP aderese kugirango tumenye nimba ukoresha internet mu kuraba ibikorwa vyacu mu Burundi canke hanze yaho.

Nimba ufise imytaka 16 canke uri munsi yayo, usabwe gusaba abavyeyi bawe uruhushya imbere y’uko utanga umwirondoro wawe kuri website ya BUJA EXPRESS.

Uwukoresha website yacu adafiSe uru ruhusha ntabwo yemerewe kuduha umwirondoro wiwe.

Ni gute BUJA EXPRESS izokoresha amakuru begeranije anyerekeye?

BUJA EXPRESS  izokoresha umwirondoro wawe ku mpamvu zitandukanye zirimo “ibijyanye n’imikorere y’akazi”, ibi biravuga ko BUJA EXPRESS ishobora kuba yokenera kukuganiriza ku bijanye n’ibikorwa vyayo wiyandikishijeko.

Tuzobika umwirondoro wawe mu buryo bw’ibanga kiretse gusa igihe bizoba bisabwa ko atangwa canke tubitegetswe n’inzego z’ubutegetsi.

Niwaramuka ushize ibintu bisotora, bidakwiye canke bimaramaza ahariho hose kuri bujaexpress.com, canke ukerekana imyifatire iteza amakimbirane kuri bujaexpress.com, BBC ishobora gukoresha umwirondoro wawe bwite mu guhagarika iyo nyifato.

BUJA EXPRESS izobika imyirondoro yanje kugeza ryari?

Tuzogumana umwirondoro wawe bwite mububiko bw’imikorere yacu mugihe cose tuzoba tubona ko ari ngombwa ku mirimo ya ngombwa.

Aho utanga intererano kuri website ya BUJA EXPRESS, ivyo washizeho bizogumaho muri rusangi gusa mugihe gikwiye kandi gikenewe ku nsanganyamatsiko wabishiiriyeho.

Advertisement
Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker