Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwarategekanije ubuhinga bwo kugwanya ikiza c’inzige | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Environment

Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwarategekanije ubuhinga bwo kugwanya ikiza c’inzige

Kw’igenekerezo rya 4 Nzero 2020, Ubushikiranganji bw’ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi bwaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’uburyo bwo kwikingira no kugwanya inzige zimaze kwibonekeza mu bihugu vyo mu karere. Umushikiranganji abona ko hamwe zotera mu Burundi bozigwanya bakoresheje ubuhinga bakoresheje kera mu kuzitora n’iminwe

Déo Guide Rurema, Umushikiranganji w’ibidukikije amenyesha ko inzige zatanguye kwibonekeza mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi kuva mu mwaka w’1915. Kuva ico gihe, Uburundi bumaze guterwa n’inzige incuro 2, ku ntwaro ya Cami ku mwami Mwezi Gisabo no mu mwaka w’1986 aho abarundi bazigwanije bakoresheje kuzitora n’iminwe bakazifungura.

Déo Guide Rurema, Umushikiranganji w’ibidukikije

Ingingo zafashwe        

Mu kwitegurira kuzigwanya ubu, uwo mushikiranganji avugako hariko harategurwa umurwi ugizezwe n’abakozi bakurubakuru muri ubwo bushikiranganji n’amashirahamwe akorera mu gisata c’uburimyi nka FIDA, FAO N’ibanki y’isi yose. Uwo murwi ni wo uzohagarikira ibikorwa vyo gukinga. Hazoshingwa kandi umurwi w’abahinga bajejwe gucungera no gutangiriza hakiri kare. Gushiraho integuro yo gukinga ico kiza ntigishike mu Burundi giturumbuka. Gutunganya ingendo zo guhanahana ivyiyumviro mu bihugu bimaze guterwa n’izo nzige. Gushiraho ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru mu gutangiriza hakiri kare iyo hari ikiza giteye mu gihugu. Guhimiriza abanyagihugu  kuzigwanya hakoreshejwe igiterwa “Neem” gifasha kugwanya ingwara z’ibiterwa hamwe no gushiraho ibigo vy’ubushakashatsi no guteza imbere ibikoresho vyo kuzigwanya.

Mu gihe izo nzige zoba zateye mu gihugu, uwo mushikiranganji amenyasha abanyagihugu ko bozigwanya bakoresheje ubuhinga bakoresheje kera mu kuzitora n’iminwe canke bagakoresha imiti y’ibiterwa ihinguye. Ariko ku kijanye n’iyo miti, Umushikiranganji Rurema avugako atari bwo buryo Ubushikiranganji bwoshira imbere kuko bisaba gupompa ahantu hanini hakoreshejwe indege. Aho naho abona ko ubuzima bw’abantu  n’ubw’ibikoko  bwotosekara ndetse n’ibidukikije nk’amazi n’ikirere bikononekara. Hakoreshajwe kandi iyo miti inyoni n’abantu bozirya boshobora kumererwa nabi kuko zoba zirimwo ubumara.

Umushikiranganji Rurema avuga ko ubushikiranganji arongoye bwamaze gufata ingingo zose zishoboka mu gukurikirana ico kiza kandi ko buzokwamana n’abarimyi mu kubashigikira biciye mu mugambi wo kwegera abanyagihugu mu kubaha inyigisho n’impanuro mu gisata c’uburimyi n’ubworozi. Ahamagarira kandi abarimyi kuguma ku kivi bitegurire neza irima ry’impeshi kugira umwimbu ugume wongerekana ku rugero rushimishije.

Mwomenya ko izo nzige zitwa “Schistocerca gregaria” zatanguye kwibonekeza muri Afirika mu bihugu vya Kenya, Etiyopiya, Sudani y’epfo, Eritereya na Somaliya mu mpera z’umwaka wa 2019. Muri Kenya zikaba zimaze gutera uburere bushika cumi mu kwezi kumwe.

Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

One Comment

  1. Murakoze cane kutubwira ingene inzige zashitse ngaha mugihugu Hamwe Nico giterwa citwa NIME none ubu uworondera icogiterwa imbuto yozironka gute ? Nkipfuza Bibaye nkenerwa kuba noronswa unyigisha

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire