Advertisement
Advertisement
PoliticsRelations
Trending

U Burundi busaba u Rwanda abashatse gutembagaza ubutegetsi

Igihugu c’Uburundi cipfuza ko imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda inaguka.

Ariko ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu buvuga ko habanza gutahukanwa abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 ndetse impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda zikoroherezwa gutaha.

Sonia Niyubahwe avugira ubwo bushikiranganji yemeza ko Uburundi buzobandanya gusaba ko ivyipfuzo vyabwo bishirwa mu ngiro kugira imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda isubire kumera neza.

Ni inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Urwanda yerekaniye ko ababazwa n’uko ugushaka kwiwe kwo kugarukana imigenderanire myiza hagati y’Urwanda n’Uburundi kwabaye impfagusa

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire