Advertisement
Advertisement
Health

Tanzania yatangaje ibiharuro bishasha vy’abanduye Covid-19

Umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kassim Majaliwa yavuze ko mu gihugu hari abantu 66 barwaye coronavirus, Leta iheruka gutangaza amakuru kuri iki kiza tariki 29/04/2020.

Majaliwa yavuze ko abo bantu 66 bari mu bitaro mu turere 10 tw’igihugu, yongerako ko utundi turere 16 nta muntu ufise iki kiza uhari.

Mu minsi iheze Perezida John Magufuli yari yatangaje ko “nta coronavirus ikiri muri iki gihugu” kubera amasengesho y’abanyagihugu.

Mu kwezi guheze, Ambasade ya Amerika yaburiye ko mu gisagara ca Dar es Salaam ibitaro vyaho “vyuzuriranye” kandi ko ivyago vyo kwandura iki kiza muri ico gisagara biri hejuru cane gusa ntiyatangaje ivyo ishingiraho yemeza ibi.

Mu ijambo ryiwe ejo kuwa mbere, umushikiranganji wa mbere yavuze ko ibiharuro vy’abanduye mu gihugu vyagabanutse. Asaba abanyagihugu kubandanya ingamba zatangajwe zo kwirinda gukwiza iyi virus.

Igitigiri c’abantu bose hamwe banduye coronavirus muri Tanzania ntabwo kizwi neza. Tariki 29 z’ukwezi kwa kane ubwo baheruka gutangaza ibiharuro Leta yavuga abanduye bose ari 509 na 21 yishe.

Tariki 01 z’uku kwezi kwa gatandatu, umushikiranganji w’amagara Madamu Ummy Mwalimu yavuze ko muri Dar Salaam hari abarwayi bane gusa.

Amashure yisumbuye, amakuru na za kaminuza yongeye gufungura tariki 01 z’uku kwezi, imikino nayo yongeye kwemererwa gutangura.

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire