Advertisement
Advertisement
International
Trending

Tanzania na Kenya barebana ay’ingwe

Tanzania yabujije indege za kompanyi yunguruza abantu ya Kenya, Kenya Airways, kwinjira mu gihugu, inyuma y’aho iki gihugu naco cimiye uburenganzira indege za Tanzania kwinjira ku butaka bwaco.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Kenya, Mutahi Kagwe, yaratangaje ingingo ngenderwako zijanye no gusubira kwemerera indege mpuzamakungu kwinjira mu gihugu.

Mu vyari muri izo ngingo, harimwo urutonde rw’ibihugu abanyagihugu bavyo bemerewe kwinjira muri Kenya.

Ariko rero, kuri urwo rutonde, abo mu gihugu kibanyi ca Tanzania ntibarimwo.

Kagwe ati: “Izi ngingo zishingiye ku ngaruka zishobora kwibonekeza, ntizishingiye ku bijanye n’imigenderanire”.

Hagati aho, ingingo yo kubuza indege za Kenya Airways yerekana ko amakenya ya Tanzaniya ataheze.

Indege zemerewe kwinjira muri Kenya ni izo mu bihugu vy’u Bushinwa, Korea yUbumanuko, u Buyapani, Canada, Zimbabwe, Ethiopia, Ubuswisi, Uganda, Rwanda, Namibia na Maroke.

Ikiza karanda coronavirus nico kibazo kindi giteye ukutumvikana muvyo imigenderanire hagati y’ibi bihugu.

Mu kwa gatanu, Kenya yarugaye imbibe zaco ihana na Tanzania inyuma y’aho hibonekeje ibitigiri binini vy’abadereva b’amakamyo ava muri Tanzania bapimwe bageze ku mupaka bagasanga baranduye coronavirus.

Haciye iminsi mike, umukuru w’igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yamenyesheje ko yashoboye kuvugana na mugenziwe wa Kenya Uhuru Kenyatta , kandi ko bari bumvikanye ko abashikiranganji bo muri ivyo bihugu vyompi bari kubonana kugira ngo batorere umuti ico kibazo.

Bamaze kubonana, bumvikanye gusa ku bijanye no gupima no kwemeza ko abashoferi bapimwe bagasanga ntibanduye Covid-19 bashobora bemererwa kwinjira mu gihugu.

Ariko imibibe hagati y’ivyo bihugu zagumye zugawe.

Ibi bibaye vyerekana ko uku kutumvikana hagati ya Tanzania na Kenya gushobora kwiyongera, bitandukanye n’uko aba bategetsi bompi bari bijeje abanyagihugu mu kwa gatanu.

Hari kandi n’abagifise impungenge, babona ko Tanzaniya yafashe minenenrwe ikibazo ca Coronavirus, icizere ko kugarukana umwumvikano hagati y’ibi bihugu vyombi kigashobora kuba gike.

Tags
Show More
Advertisement

Bestin Gahore

Bestin Gahore joined Buja Express in 2019. He has a degree in Journalism and fluent in English and French. He's an editor of various categories of news at Buja Express.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire