Olucome isaba Leta kwugurura amazu yo kuvunja amafaranga mvamakungu | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Economy
Trending

Olucome isaba Leta kwugurura amazu yo kuvunja amafaranga mvamakungu

Mu gihe haciye amezi Leta itegetse ko amazu avunja amahera yo hanze y’igihugu yugarwa, ishirahamwe OLUCOME rirongowe na Gabriel Rufyiri ryarasohoye urwandiko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20-07-2020 risaba umukuru w’igihugu c’Uburundi risaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye gusubira kwemerera amazu avunja amahera mpuzamakungu gusubira gukora.

Aho rivuga ko naho hasohotse itegeko rihana mu kivunga abavunjayi bose, hari hakwiye guhanwa abarenga ku mategeko Leta na BRB bashinze.

Rufyiri Gabriel arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko iyo ngingo ituma igihugu kihahombera mu bijanye n’ubutunzi hamwe no gutuma abakera rugendo bataza mu Burundi kubera ubukene bw’amafaranga y’agaciro.

Gabriel Rufyiri yongeye aragaruka ku kuntu ubu amafaranga y’agaciro ariko avunjwa ku giciro kinini cane kandi bigatuma haba ibiturire cane.

Tukabamenyesha ko Reta yahagaritse ko Abarundi baba mu Burundi baronswa amafaranga yabo mu mahera mvamakungu ariko bakaronka mu mafaranga y’Amarundi.

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire