OBR ibandanya gufata ibidandazwa vya magendu | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Economy
Trending

OBR ibandanya gufata ibidandazwa vya magendu

Imifuko 20 y’indagara zo mu bwoko bwa Nyamunyamu, ikapo 13 vy’imikeke, nivyo vyafatiwe mu bwato bw’abatanzaniya bwari buzanye ibidandazwa vya magendu .

Bwafashwe mu masakumi z’ijoro kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28/7/2020 muri komine Nyanza_Lac, zone Kabonga umusozi wa Gasasa. Bikaba vyafashwe n’igipolisi co mu mazi c’i Kabonga.

Ubwato bwazanye ivyo bidandazwa vyafashwe. Photo: La Nova Burundi

Pierre Nkurikiye avugira igipolisi amenyesha ko ubwo bwato bwarimwo abantu 7 b’abarundi. Ibidandazwa vyaciye bishikirizwa OBR kugira birihe amakori nayo abo bantu barandikwa n’igipolisi kijejwe ibisohoka n’ivyinjira imbere yuko bashikirizwa abajejwe intwaro.

Mu minsi iheze, ikigo gitoza amakori OBR kikaba carafashe ibindi bidandazwa muri zone Kibenga hafi y’ikiyaga Tanganyika bigizwe n’ibitenge, imivinyu n’ibindi.

Tags
Show More
Advertisement

Bestin Gahore

Bestin Gahore joined Buja Express in 2019. He has a degree in Journalism and fluent in English and French. He's an editor of various categories of news at Buja Express.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire