Advertisement
Advertisement
International

Magufuli yatanguje inzira yo mu butaka

Perezida wa Tanzania, Dr John Pombe Magufuli yashize ibuye ry’ifatizo ahari gukorwa ibarabara y’indarayi yo mu kuzimu (SGR/Standard Gauge Railway) izohuza ikivuko ca Dar es-Salaam n’ibihugu bibanyi vy’iki gihugu birimo u Rwanda, Uganda, Burundi na DRC.

Igice ca kabiri c’uyu mugambi w’inzira yo mu butaka izoturuka ahitwa Rudewa ikagera ahitwa Kilosa, ifise ibilometeri 24, ukazotwara Miliyari 14,2 z’amadolari y’abanyamerika.

Yashizeko ibuye ry’ifatizo kuri uyu mushinga ugezehagati

Igice ca mbere c’ibikorwa vyo kwubaka iyi nzira, kikaba kigeze ku bice 82% kikaba carahaye akazi abantu 13 000.

Perezida John Pombe Magufuli ubwo yatanguza igice ca kabiri c’uyu mugambi, yavuze ko uzanye ayandi mahiwe mu kuduza ubutunzi bwa kiriya gihugu, asaba ababa muri kariya Karere ka Kilosa kuyaronkeramo inyungu.

Yari ari kumwe n’abandi barongozi mu nzego nkuru

Yavuze kandi ko uyu mushinga washizwemo amafaranga y’igihugu cabo avuye mu makori y’abanyagihugu baco bityo ko n’inyungu zizowuvamo zigomba kugera kuri bose.

Uyu mukuru w’Igihugu ca Tanzania yavuze ko kwubaka igikorwa nka kiriya ca rutura bigaragaza ko ntakidashoboka.

Ati “Ntabwo nari nizeye ko buri wese yonyumva igihe naduza iciyumviro c’uyu mugambi wo kwubaka inzira yo mu butaka muri Tanzania yewe na kabine yanje Abashikiranganji ntibizera ko ibi vyoshoboka ariko ubu mwese muri ivyabonaw’ibiriko biba.”

Iyi tunnel yitezweho impiduka mu butunzi bwa kiriya gihugu

Biteganyijwe ko uyu mushinga wose watanguye muri Ruhuhuma 2019, uzorangira muri Nzero 2021 ukazotarwa Miliayari 32 USD, ukaba uri kwubakwa n’abubatsi b’imbere muri kiriya gihugu ca Tanzania.

Tags
Show More
Advertisement

Daniella Ingabire

Daniella Ingabire is a journalist at Buja Express. She studied at the University of Great Lakes. She holds a Bachelor’s degree in Journalism and Communication. She started her career in writing about entertainment in 2019.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire