Advertisement
Advertisement
HealthInternational

Magufuli yatangaje ko Covid-19 yaheze muri Tanzania

Perezida John Pombe Magufuli wa Tanzania yatangaje ko iki gihugu “kitakirimo coronavirus” kubera amasengesho y’abanyagihugu baco.

Mu rusengero mu gisagara ca Dodoma, Magufuli yabwiye abasenga ati: “Imana ishimwe ko ikiza ca corona twagitsinze”. Anabashimira ko nta dupfukamunwa n’uturindantoki bambaye.

Ishami ry’ishirahamwe mpunzamakungu rishinzwe amagara ku isi (OMS/WHO) ryatangaje impungenge ritewe n’uburyo Leta yitwara kuri iki kiza.

Perezida Magufuli yakunze kuvuga ko iki kiza cakabirijwe, yasavye abantu kubandanya kuja guterana mu nsengero n’imisigiti, ababwira ko “amasengesho azotsinda” iyi virus.

Leta ya Tanzania yahagaritse gutangaza amakuru y’uko iki kiza gihagaze mu gihugu.

Tariki 29 z’ukwezi kwa kane, umunsi Tanzania iheruka kuvuga amakuru kuri iki kiza, hari abayanduye 509 na 21 yishe. Gusa mu ndwi iheze, Magufuli yemeje ko mu bitaro vyo muri Dar es Salaam hasigaye abarwayi bane gusa.

Mu kwezi guheze, Leta ya Tanzania yahakanye ivyavuzwe na ambasade ya Amerika ko muri Dar es Salaam hari “ivyango vyinshi” vyo kwandura iyi ndwara, kandi ibitaro vyaho “vyuzuriranye”.

Magufuli yavuze iki?

Ejo ku wa mungu, yabwiye ikoraniro ry’abasenga i Dodoma ati: “Ndashaka gushimira abatanzania b’ukwemera gutandukanye. Tumaze igihe dusenga kandi twiyiriza kugira ngo Imana idukize ikiza cateye igihugu cacu n’isi. Kandi Imana yaratwishuye. “Nizeye, kandi nzi neza ko n’Abatanzania bizeye, ko ikiza ca corona Imana yagikuyeho”.

Ivyo yavuze vyarishimiwe cane bikomerwa amashi menshi.Magufuli yanashimiye abapadiri n’abaje gusenga.

Ibindi yavuze n’ibiki?

Kuwa gatanu uhe, nabwo yavuze nk’ibi mu nama n’abarimu, aho yavuze ko “corona yarangiye”.

Yagize ati: “Umushikiranganji w’amagara yambwiye ko dusigaranye abarwayi bane muri Dar es Salaam nyamara ibi ntibizohagarika ibihuha.

“Tugomba kwitonda kuko zimwe muri izo mpano batanga zo kurwanya coronavirus zishobora gukoreshwa mu kuyikwirakwiza.

“Ndashaka gusaba Abatanzania kwanka impano z’udupfukamunwa, ahubwo mubwire abadutanga baje kudukoresha bo n’abagore babo n’abana babo”.

Perezida wa Tanzania ari mu bategetsi benshi ba Afurika batumije umuti wa Covid-Organics Leta ya Madagascar ivuga ko uvura Covid-19. Ntabwo bizwi neza nimba warahawe abarwayi muri Tanzania.

Nta vyemezo vya vy’ubushakashatsi biremeza ko uwo muti uvura, OMS/WHO yakomeje gusaba abantu kwirinda gukoresha imiti itarapimwa.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzania bagiye banenga Perezida Magufuli kugira politike zimwe zishobora gushira mu kaga ubuzima bw’abanyagihugu ba Tanzania.

Elisha Osati akuriye ishirahamwe ry’abaganga mu gihugu, mu kiganiro aheruka kugirana na BBC yashigikiye Leta avuga ko ibitaro bikora nk’uko bisanzwe kandi benshi mu barwayi ba coronavirus bafise ibimenyetso vyoroheje.

Perezida Magufuli yagirije abashinzwe ubuzima mu gihugu gukabiriza ikiza ca coronavirus. Yananeguye kandi ingamba zikomeye zafashwe n’ibihugu bibanyi mu kwirinda iki kiza.

Tags
Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire