Advertisement
Advertisement
Cooperation

Magufuli avuga ko Tanzania izobandanya imigenderanire n’u Burundi

Kuruyu wa gatanu tariki 20 Ruheshi 2020 niho sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yafashe umwanzuro yuko Evariste Ndayishimiye aheruka gutorwa mu matora ko yorahizwa vuba bwangu kugira asubirire umuhisi Petero Nkurunziza.

Perezida wa Tanzania John Pombe magufuli akaba yifadikanije n’Abarundi mu kigandaro barimo co kubura umukur w’igihugu aho yatanze itegeko ko ibendera ry’igihugu rimanurwa kugeza hagati mu kwunamira nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Nkuko imboneshakure yo muri Tanzania East Africa Television ibivuga, Magufuli yavuganye na Evariste Ndayishimiye aho amukeza ku ngingo yafashe yo kurahizwa vuba bwangu kugira asubirire Nkurunziza.

Iyo mboneshakure ibandanya ivuga ko mukiganiro Magufuli yagiranye na Evariste, Perezida wa Tanzania Magufuli yamwijeje ko igihugu ciwe kizokwama gifitaniye imigenderanire myiza ko ko bazokwama baharanira ubwo bucuti ko bwaguka.

Tanzania n’i kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko cagumanye umubano mwiza n’u Burundi ukuyemo u Rwanda rwo rwagiranye amati n’u Burundi kuva mu mwaka w’i 2015 aho Leta y’u Rwanda yagiriza inzego z’u Burundi gukorana n’umurwi w’ikiroberi FDLR ubu bari mu mashamba ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, u Burundi nabwo bukagiriza u Rwanda gucumbikira abansi barwo cane cane abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kuri tariki 13 Rusama 2015.

Tags
Show More
Advertisement

Ciella Umutoni

Ciella is an author of Entertainment stories. She joined Buja Express in November 2019 and ever since published dozen of articles.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire