Advertisement
Advertisement
Relations

Leta yagize ico ivuga nyuma y’ibihano yafatiwe na USA

Mu nama yakoresheje kuruyu wa mbere tariki 22 Ruheshi 2020, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yavuze ikibanza ca Leta y’Uburundi kw’itegeko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye u Burundi yo kutongera guha abarundi impusha zo kuja murico gihugu bita Visa kuva itariki 12/06/2020, aho Amerika yagirije Uburundi ‘kwanka kwakira abenegihugu babwo birukanywe ku butaka bwabo’.

Nkuko umushikiranganji yabivuze: ” N’igikorwa gisiguritse neza kandi kitagira ingaruka mbi ku migenderanire iri hagati y’u Burundi n’Amerika. Habenako, ntidushobora kwakira abantu badafise ubwenegihugu bw’Uburundi nkuko twashoboye kubigenzura mubo baturungikiye. Leta yafashe ingingo kandi iratahura neza ingingo yafashwe n’Amerika yo kwirukana uwo wese adafise ivyangombwa ari kubutaka bwabo“.

Leta y’Uburundi ikaba yemeye kwongera gukorana n’Amerika kugira ico kibazo gitorerwe umuti ushobora kugirira neza ivyo bihugu vyompi nkuko umushikiranganji yabivuze.

Tags
Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire