Kwibagira kuzimya Camera vyamukwegeye | Buja Express
Advertisement
Advertisement
International
Trending

Kwibagira kuzimya Camera vyamukwegeye

Umugabo utavuzwe amazina wari mu rugo yitabiriye inama y’ikigo akorera yariko ikorwa hifashishijwe ikoranabuhanga “Video conference” yibagiwe kuzimya camera yiwe bituma bagenzi biwe bamubona ari kurangura amabanga n’umugore wiwe.

Uyu mugabo yahuye n’uruva gusenya kuko ubwo iyi nama y’ikigo akorera yari igeze kw’iherezo, umugore wiwe yaciye aza aramusumira bibagirwa kuzimya camera yariko akoresha mu kuganira na bagenzi biwe ku ikoranabuhanga rya Video conference birangira bamubonye ari kurangura amabanga.

Amashusho y’uyu mugabo n’umugore wiwe bari kurangura amabanga yagaragaye imbonankubone ku ma mashine ya bagenzi biwe barimo umwe wayishize hanze nyuma yo kuyifata.

Iyi nama yari ihuje abayobozi bo mu gisagara ca Rio de Janeiro muri Brazil, yari igamije kumenya neza nimba abanyeshure bagaburirwa neza muri ibi bihe vya Covid-19.

Uyu mugabo utari kumwe na bagenzi biwe bakorana, yakoze iyi nama yicaye ku buriri bwiwe ariyo mpamvu ubwo yari igeze kw’iherezo umugore yaje kumuraba yibagirwa kuzimya Camera batangura gukora imibonano mpuzabitsina.

Nkuko vyatangajwe n’ikinyamakuru Metropoles iyi nama yari iyobowe n’uwitwa Leonel Brizola, ukuriye umugambwe wa Liberty Party washaka kumenya uko ubuzima bw’abana bumeze muri ibi bihe vya Coronavirus.

Ubwo uyu mugabo yibagirwaga kuzimya camera yiwe agatera akabariro bagenzi biwe bariko babibona, babandanije kuganira kuri iki kibazo kibahuje.

Brizola yabwiye abanyamakuru ko ivyabaye kuri uriya mukozi wabo ari igikorwa camutunguye atari ibintu yari yapanze.

Yagize ati “Tukimara kubona ibiri kuba, twaciye dusaba abari ku buhinga bw’ivyuma kumukura ku murongo.Twebwe nta bushake twagize bwo gushira hanze ayo mashusho.

Tags
Show More
Advertisement

Bestin Gahore

Bestin Gahore joined Buja Express in 2019. He has a degree in Journalism and fluent in English and French. He's an editor of various categories of news at Buja Express.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire