CECI irabandanya gutanga amakarata gushika kuri 12 Rusama 2020 | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Ibindi

CECI irabandanya gutanga amakarata gushika kuri 12 Rusama 2020

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 06 Rusama, Kazihise Petero Karaveri, umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora mu gihugu cose (CENI) yarashikirije icegeranyo c’uko igikorwa co gutanga amakarata y’amatora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama cagenze. Amenyesha ko ico gikorwa cagenze neza muri rusangi mu gihugu cose

Kazihise yerekanye ko ku ntara 18  zigize igihugu, 11 zashikanye  ibice 90 kw’ijina mu gutanga ayo makarata, 6 zishikana ibice 80 hamwe n’igisagara ca Bujumbura cashikanye ibice 70.

Umukuru wa  CENI avuga ko ico gikorwa kitaranguwe nk’uko  vyari vyitezwe.  Ahamagarira abatashoboye gutora ayo makarata kubandanya kuyatora mu mirwi yigenga ijejwe gutunganya amatora mu makomine (CECI)  gushika kw’igenekerezo rya 12 Rusama. Yibutsa kandi ko uwudafise ikarata atemerewe gutora.

Source: Ejoheza News

Show More
Advertisement

Ciella Umutoni

Ciella is an author of Entertainment stories. She joined Buja Express in November 2019 and ever since published dozen of articles.

Related Articles

One Comment

  1. Nifurije abarundi n’abarundikazi kutahugumbwa mukushigikira iterambere rirama rizira amatati mukuhitamwo neza kutumbereza urutoke nkombankono ku nomero 1, dutore neza dutore General Major Evaristo NDAYISHIMIYE; tugire CNDD-FDD n’intsinzi yo kuwa 20/05/2020. Komera !

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire