Inyuma yo gutsindwa 4 kuri 1 na BS Dynamic umumenyereza mukuru wa Aigle Noir yahawe akaruhuko(congé payé) k’ inkino zose zisigaye | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Sports

Inyuma yo gutsindwa 4 kuri 1 na BS Dynamic umumenyereza mukuru wa Aigle Noir yahawe akaruhuko(congé payé) k’ inkino zose zisigaye

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2020 ku kibuga Intwari , ku musi w’ihiganwa ugira 27, umurwi wa Aigle Noir watsinzwe bikomeye na na Burundi Sport Dynamic ibitsindo 4 kuri 1. Inyuma yo gutsindawa ivyo bitsindo vyose,  Joslin Bipfubusa,  umumenyereza  mukuru wa Aigle Noir yahawe akaruhuko(congé payé)k’inkino zisigaye zaba iza Primus Ligue canke izo mu gikombe c’umukuru w’igihugu

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Ndikuriyo Reveriano, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi akaba arongoye n’umurwi wa Aigle Noir avuga ko iyo ndwi yose irangiye umumenyereza mukuru atakurikiranye abakinyi kandi ko n’urutonde rw’abakinyi batanguye mukibuga k’urukino rwabahuje na BDS Dynamic ataho bihuriye n’uko umurwi usanzwe utunganijwe.

Agira ati: «Kubera twasanze indwi yose abakinyi batakurikiranywe n’umumenyereza mukuru ku buryo n’urutonde rw’akinye ataho bihuriye n’uko umurwi usanzwe utunganijwe, ubuyobozi bwa aigle noir burahaye akaruhuko ( congé payé) umumenyereza mukuru». Umurongozi wa Aigle Noir amenyesha ko uwo mu menyereza ahawe «umwanya wo gutegura Saison 2020-2021».

Ndikuriyo Reveriano amenyesha kandi ko inkino z’ihiganwa rya Primus Ligue zisigaye n’igikombe c’umukuru w’igihugu bizokorwa n’umumenyereza wa Aigle Noir w’abari musi y’imyaka 17 ( Gustave) afashijwe n’icegera c’umumenyereza mukuru Nzohabonayo Aimé.

Tubibutse ko ihiganwa rya Primus Ligue risigaje inkino 3 ngo rirangire.

Show More
Advertisement

Alice Dusabe

Alice has a degree in Journalism. She joined Buja Express in 2019. She constantly seek opportunities to take her further in her career which is reporting in hard-hitting stories.

Related Articles

One Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire