Inama Nshingamateka irashima ingingo yafashwe n'umukuru w'igihugu yo kudasubira kwitoza | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Ibindi

Inama Nshingamateka irashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu yo kudasubira kwitoza

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2020, Inama Nshingamateka yasozereye isasa risanzwe (session parlementaire ordinaire) ry’amezi atatu kuva muri Kigarama gushika Ruhuhuma. Umukuru w’Inama Nshingamateka, Nyabenda Pasikari yamesheje ko muri ayo mezi atatu hizwe hongera haremezwa integuro z’amabwirizwa 11 hamwe n’impinyanyuro 3 z’Inama Nkenguzamateka.  Muri izo harimwo  integuro y’ibwirizwa rigena Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuba Imboneza Nkuru mu kuzirikana, gukunda no gukundisha igihugu.

Nyabenda Pasikari akaba yanamenyesheje kandi ko ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyashikirije imbere y’Inama Nshingamateka ivyaranguwe n’ubushikiranganji barongoye mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019 hamwe na raporo y’ibimaze gukorwa n’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira (CVR) kuva muri Kigarama 2018 gushika muri Munyonyo 2019.

Kubijanye no gukarihiriza ubwenge abashingamamateka, Nyabenda Pasikari amenyesha ko hatunganijwe inganda 4 zo gukarihiriza ubwenge abashingamamateka harimwo no guhahana ivyiyumviro Ku ruhara rw’abamenyeshamakuru mu gutsimbataza amahoro no kunywanisha abarundi.

Ku bwa Nyabenda Pasikari, Inama Nshingamateka irashimira Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuba atasubiye kwitoza ku bushake bwiwe. Nyabenda avugako umukuru w’igihugu araze abarundi akarorero keza. Asaba abandi barundi kumufarako akarorero keza.

Mu gihe bagiye mu karuhuko,  Umukuru w’Inama Nshingamateka ahamagarira Abashingamamateka kubandanya bahimiriza abanyagihugu kubijanye n’imigambi Leta yasize imbere mu bisata vy’imibano n’ubutunzi. Nayo abanyagihugu abahamagarira kubandanya babumbatira amahoro n’umutekano no  kuguma batekanye mu gihe c’imyiyamamazo.

Umukuru w’Inama Nshingamateka yanaboneyeho akaryo ko guhamagarira abanyamigambwe kurangura neza igikorwa cabo mu ntumbero yo guteza imbere ingendo yo kuja inama n’ingingo na naburya twimirije amatora.

Nyabenda yanaboneyeho kandi akaryo ko guhamagarira abanyagihugu kudasesagura umwimbu w’agatasi barose gutyo bashobore kwitegurira neza impeshi. Asaba abashingamamateka kudapfisha ubusa akaruhuko bagiye mu kwezi kwa Ntwarante.

Mwomenyako ivyo birori vyogusozera ico kiringo vyari vyitabwe abaserukira Leta, abaserukira amasengero, abaserukira amshirahamwe daharanira ivyicaro vya politike abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abandi bategetsi batandukanye.

Show More
Advertisement

Ciella Umutoni

Ciella is an author of Entertainment stories. She joined Buja Express in November 2019 and ever since published dozen of articles.

Related Articles

One Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire