Advertisement
Advertisement
RefugeesSecurity
Trending

Impunzi zo muri Tanzania zisaba ONU kuzishakira ahandi zijanwa

Mu gihugu ca Tanzania hari impunzi z’Abarundi zirenga 42 200 benshi bakaba bahunze mu mwaka w’i 2015 bazira uruhara bagize mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza yahoze aramutswa Uburundi.

Nyuma yo guhungira mu makambi atatu yo murico gihugu, impunzi nyinshi zagiye ziridogera Leta ya Tanzania ko ireka urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd rwitwa Imbonerakure, ko zijabuka umupaka ziganayo kugirira nabi izo mpunzi.

Leta ya Tanzania ikaba ivuga ko idashobora kureka izo munzi ko ziguma murico gihugu mu gihe ivuga ko mu Burundi hari amahoro kandi ko Perezida mushasha w’u Burundi Evariste Ndayishimiye akija ku butegesti yahamagariye impunzi zose gutahuka mu gihugu.

Nyuma y’akamo Perezida Ndayishimiye yateye impunzi, ako kamo ntikavuzweho kumwe aho impunzi ziri mu bihugu nka Rwanda na Uganda zo zavuze ko zitarota zitaha mu gihe imbaraga zivuga ko zahahwe urwo rwaruka zitarazamburwa.

Benshi mu mpunzi ziri mu ma kambi ya Tanzania zikaba zimaze iminsi zitahuka zifashijwe n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR ziciye ku mupaka w’intara ya Makamba.

Akagwi k’izindi mpunzi zaho nyene muri Tanzania kavuga ko kacise kw’icumu ry’amabi zikoregwa murizo nkambi, kandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho zisaba iryo shirahamwe kuzironderera ibindi bihugu zijanwamwo mu gihe zo zivuga ko zitotahuka kandi izo zahunze kitaravanwaho.

Tags
Show More
Advertisement

Daniella Ingabire

Daniella Ingabire is a journalist at Buja Express. She studied at the University of Great Lakes. She holds a Bachelor’s degree in Journalism and Communication. She started her career in writing about entertainment in 2019.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire