Advertisement
Advertisement
Entertainment
Trending

Harmonize yamaramaje uwahoze ari umukunzi wiwe

Mu mpera z’indwi iheze, umuyobozi mukuru wa Konde Music Worldwide, Harmonize yahisemo gushira hanze ukuri ku camuteye gutandukana n’uwahoze ari umukunzi wiwe Jacqueline Wolper, avuga ko yashaka kuryamana n’uwahoze ari Boss wiwe Diamond Platnumz.

Harmonize yabitangarije mu giteramo cabereye i Dodoma, avuga ko Wolper yakundaga gucana inyuma cane bidasanzwe, yarab shebuja (Diamond) ico gihe, ku buryo yamusezeranyije kumuvyarira umuhungu.

Uku kwerekana inyifato ya Jacqueline Wolper kuje nyuma y’iminsi mike Wolper avuze ko uyu muririmvyi yamutaye nyuma yo kubona umuterankunga (Sarah-umugore wa Harmonize), ikintu catumye Konde Boy asubira inyuma kugirango yerekane uruhande rw’ukuri.

Yavuze ati: “Ntabwo ari vyiza kuvuga Abagore ariko birambabaza kuko nahisemo guceceka ariko uko akora ibiganiro vyinshi, ati nabonye umuterankunga ndamusiga. Birambabaza rwose… vyaduteye kugenda mfise kwizera nubwo atabizi.

Vyari mu kwezi kwa mbere, twagize ibirori mu rugo rw’uwahoze ari Boss wanje Diamond Platnumz. Twagize ibirori vyiza, ariko we nta soni, yashaka kuryamana na Diamond.

Mvuze mbikuye ku mutima, nta hantu na hamwe nigeze mbivuga, uyu munsi ndabivuga kugira ngo abimenye n’uwutabizi abimenye. Yakunda kubwira Diamond ko azomuvyarira umuhungu, ico gihe Diamond yari afise umwana umwe gusa Tiffah wavutse mu minsi yaheze imana imukomeze. Yamubwiye ko azomuvyarira umuhungu, amubwira ko status yiwe atari iyo kugendana na Harmonize, ko ari kumwe na Harmonize gusa kugirango ashobore kumwegera (Diamond), ko amukunda cane.

Maze kugenda, Diamond yarampamagaye ambwira kuja mu rugo nkavyuka kare mu gitondo. Diamond wari unaniwe kubera kunywa inzoga, yananiwe kumbwira ko umugore wanje amushakaho urukundo.

Harmonize yongeyeho ko uwahoze ari umukunzi wiwe yari umushukanyi udasanzwe, kandi ko incuro nyinshi yamufatanye ubutumwa bw’abandi bagabo.

Yakomeje atangaza ko hari igihe yamuhaye imodoka nshasha ku isabukuru ye y’amavuko na miliyoni 30 z’amashilingi ya Tanzania yo gushira mu bucuruzi bwiwe, ariko yari akimuca inyuma.

Wolper numukinnyi w’ama filime na n’umushabitsi mu vy’imyambarire, yatandukanye na Harmonize muri 2017.

Tags
Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire