Evariste ntatanganzwa nuko Rwasa atemeye icegeranyo c'amatora | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Politics

Evariste ntatanganzwa nuko Rwasa atemeye icegeranyo c’amatora

Général Major Évariste Ndayishimiye aheruka gutorerwa kurongora u Burundi muri manda y-imyaka indwi, yatangaje ko adatangazwa nuko Agathon Rwasa atemera intsinzi yiwe, ko umugambwe umwe atariwo wakabaye werekana ibibazo gusa bijanye n’amatora.

Amatora ya Perezida wo mu Burundi yabaye ku wa 20 Rusama, Ndayishimiye ayatsinda n’amajwi 68%. Nyuma y’ayo matora ariko Agathon Rwasa yaciye atanga ikirego avuga ko ayo matora yabayemo ubusuma budasanzwe.

Mu kiganiro na RTNB, Général Major Evariste Ndayishimiye yanenze iyo ngingo mbere ashimangira ko ivyabaye bidakwiye na gato.

Yavuze ko bigeze ko mu Burundi hatarebwa gusa abagwanya CNDD-FDD, hakarebwa Abarundi bose ko bagize igihugu kimwe, ubundi bakaraba imbere.

Yakomeje ati: “Ese si Umugambwe umwe gusa utemera ivyavuye mu matora? Ni we wenyene witotomba! Hari uwundi mugambwe mwabonye muri ico kibazo? Ese uwu mugambwe wikuye mu yindi ushobora gutsinda abo Barundi bose bishize hamwe? Imana yamaze kuduhuza. Uzobona ko nta wundi murundi uziyerekana.”

“Nkuko babivuze, nta muryango ubura ikijuju. Hagomba kubaho umurwi ugerageza kudusenya. Umurwi nk’uyo buri gihe ugomba kuba uhari, nivyo nkunda kuko sogokuru Perezida Nkurunziza, yarambwiye ati: barakenewe kuko nibo batuma turushaho kugira ubwenge”.

Amajwi y’agateganyo y’ivyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu mu Burundi yabaye ku wa 20 Rusama 2020, vyerekana ko Ndayishimiye wa CNDD-FDD yagize 68.72%; akurikirwa na Agathon Rwasa wa CNL wagize 24.19%.

Tags
Show More
Advertisement

Related Articles

One Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire