Didier Drogba ariyamiriza igeragezwa ry’urucanco rwa Coronavirus kubanyafrika | Buja Express
Advertisement
Advertisement
AgricultureCooperationEconomyEntertainmentEnvironmentHealthImicokamaInternationalJobs & TendersPoliticsSecuritySocietySportsTechnology

Didier Drogba ariyamiriza igeragezwa ry’urucanco rwa Coronavirus kubanyafrika

Didier Drogba,umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru yamuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire,yamenyekanye cane mu murwi wa Chelsea wo mu gihugu c’ubwongereza,yateye ivyatsi abashaka kugerageza urucanco rwo gukinga Coronavirus kubanyafrica.

Abicishije kurubuga rwiwe rwa Twitter,Didier Drogba yerekanye ko ababajwe cane n’abahinga mubijanye n’amagara y’abantu bashaka kuza kugeragereza urucanco rwo gukinga ikiza ca Coronavirus kubanyafrica.

Umukinyi Didier Drogba akaba yamenyesheje ko umugabane wa Africa atari Laboratoire bakoreramwo ubushakashatsi kubijanye n’imiti.

Didier Drogba akaba yavuze ayo majambo,inyuma yaho abahinga muvyubuvuzi mu gihugu c’ubufaransa bakoreye ikiganiro kumboneshakure yitwa LCI,basaba ko igeragezwa ry’urucanco rwo gukinga ikiza ca Coronavirus ryobera mu bihugu vyo kumugabane wa Africa.

Tubibutse ko n’umukinyi Samuel Eto’o yamuka mu gihugu ca Cameroun nawe nyene yateye ivyatsi ico ciyumviro aho yamenyesheje ko ivyari imagera vyageruye,abazungu bohagarika kubandanya bakengera abirabure.

Show More
Advertisement

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire