Casino ntonto zahagaritswe mu gisagara ca Bujumbura | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Society

Casino ntonto zahagaritswe mu gisagara ca Bujumbura

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Ntwarante, umukuru w’igisagara ca Bujumbura  Mbonimpa Freddy yatunganije inama ku bajejwe intwaro n’igipolisi mu ntumbero yo kurabira hamwe uko umutekano wifashe mu gisagara ca Bujumbura. Mbonimpa amenyesha ko umutekano wifashe neza kuko abajejwe umutekano barakoranye neza n’umurwi w’umutekano uhurikiyemwo bose.

Mbonimpa asavye abajejwe intwaro n’umutekano guhagarika no gufata Casino ntonto zose zisigaye zibonekeza mu mpande zitandukanye z’igisagara ca Bujumbura kuko ngo abana basigaye biba amafaranga baja gukinisha, abandi bagasiba ku mashure barorera uko bakina.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba kandi gusambura amarigara yose banywerako urumogi muri zone Nyakabiga kuko vyabaye ndanse. Amenyesha ko rusigaye runyobwa ku mugaragaro haba ku mutaga no mw’ijoro. Asaba abajejwe intwaro gufata abantu bose batarashira amatara ku mabarabara bakabaca ihadabu y’ibihumbi 10 000 maze bace bashiraho ayo matara. Yabasavye kandi kwihweza mu bunywero ko igikoni gitunganijwe neza hamwe n’aho abantu biherera kuko ubunywero bwinshi butagira ubuzu bwa sugumwe bubereye.

Mbonimpa yibutsa abajejwe intwaro ko batarekuriwe kwugara ubunywero bwarengeje amasaha yo kwugara ahubwo ko bokwihweza bagahamagara nyene akabare hanyuma bukeye bakamuca ihadabu. Ati: « Igikorwa co kwugara ububare bwarengeje amasaha kiraba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gusa ».

Uwurongoye zone Rohero asaba gukura kw’isoko ikinyobwa ca Karibu kuko kiriko kironona ubuzima bw’ugwaruka. Ati: « N’aho ishirahamwe rizikora ryoba rifise uburenganzira nibabihagarike kuko ubuzima bwa benshi buguma bumererwa nabi ».

Komiseri arongoye igipolisi c’imibereho n’imigenzo myiza amenyesha ko kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma 2020 hamaze kwibonekeza abana benshi bafashwe ku nguvu. Asaba ko abakora ubusambanyi botuzwa kuko baba bariko baratitura imico n’imigenzo y’ikirundi. Asaba abajejwe intwaro gufatira ibihano abapangisha inzu abo basambanyi babamwo kuko amategeko arabihana.

Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

2 Comments

  1. Abashinwa bahejeje guteka umutwe wukuntu bayiba bamareta icakurikiye nuguteka umutwe wokuyiba abene gihugu. Nibituzwe.

  2. Abashinwa bahejeje guteka umutwe wukuntu bayiba amareta bigakunda icakurikiye nuguteka umutwe wokwiba amafaranga abene gihugu biciye muvyo bita ngo nugutomboza. Nibituzwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire