Intango Mu Makungu Africa Yoweri Museveni ati Afrika yarananiwe no gutabara Libya igihe yaterwa

Yoweri Museveni ati Afrika yarananiwe no gutabara Libya igihe yaterwa

0
5
(1)

Umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni avuga ko umugabane wa Afrika ufise ubushobozi bwo kubuza ibihugu vya Bulaya kwivanga canke gutera ibihugu vya Afrika.

Avugana na BBC, Museveni avuga ko ibihugu vyo mu burengero vyakoze amakosa gutera Libya bigakura ku butegetsi Muammar Gaddafi Afrika ikananirwa no kubibuza.

Ati: “Ibihugu vya Afrika vyategerezwa kubuza ibihugu vyo mu burengero gutera Libya, twategerezwa kuja kuyitabara”.

Avuga ko ibihugu vya Afrika vyibanze ku bijanye n’imigenderanire mu kugerageza gutorera umuti indyane zari muri ico gihugu, ariko y’uko vyategerezwa gukoresha ingabo zavyo mu guhangana n’abari bagiteye.

Uyo mukuru w’igihugu ca Uganda avuga ko Afrika ifise ubushobozi bwa gisirikare bukomeye bwari gushobora guhangana n’abari bateye Libya gushika ubu ikirangwamwo intambara.

Bwana Museveni, azwi nk’umukuru w’igihugu amaze igihe kinini cane ku butegetsi avuga ati: “Ndibaza ko Afrika yategerezwa kuja gutabara maze igaha gasopo umuntu, aho niho twananiriwe”.

Igitero kitari citezwe

Naho ku biraba igituma ibihugu vya Afrika bitagiye gutabara ico gihugu co mu buraruko bwa Afrika, Museveni avuga ati: “Cari igitero tutari twiteze ko gishobora kuba, kuko na jewe ubwanje sinibaza ko hari kuba umuntu afise ivyiyumviro vy’ubujuju vyo gutera igihugu ca Afrika nk’uko babikoze”.

“Rero ntitwari tuvyiteze, kandi vyashitse twatatanye, ntitwari twiteguye”.

Avuga ko gushika ubu Afrika ifise inguvu itarakoresha zo guhangana n’igitero ico ari co cose kivuye mu bihugu vyo mu Burengero”.

Afatiye ku ntambara yo kurwanya abakoloni, yibutsa ko ibihugu vya Afrika vyari bimaze kwikukira mu myaka ya 1960 vyafashije gisirikare ibihugu bitari bwikukire bikarwanya abakoloni.

Ari: “Ibihugu vya Afrika vyararwanije, abanyaportugali muri Mozambike, n’abandi gushika aho mu kiringo c’imyaka 10 gusa ubutegetsi bwa Portugali bwari bwasenyutse muri Afrika, kandi abo bose bari bashigikiwe n’ibihugu vyo hanze”.

Kubwiwe, hariho inzira nyinshi zo guhangana nawe ku bibazo vyiwe yari afise, akavuga ko hakoreshejwe inguvu zitari zo mu kurwanya uyo mutegetsi wa Afrika yari afise igihagararo nk’iciwe.

Museveni avuga ko yahanganye n’ingabo za Muamar Gaddafi incuro zibiri zose muri Uganda, mu 1972 na 1979 kubera yari ashigikiye Idi Amin, ariko ko hageze igihe bakumvikana kandi ko bari babaye abagenzi.

Ati: “Ivyo yakorewe n’ibihugu vyo mu burengero yari amakosa akomeye”.

Gukemura ibibazo vya Afrika

Nayo ku vyerekeye ibiganiro bibandanya kuri Libya, Museveni avuga ko Afrika yategerezwa kubona ko igomba gukemura ibibazo vyayo aho kwizera ibihugu vyo hanze mu gutorera inyishu ibibazo vya Afrika.

Uyo mutegetsi avuze ivyo mu gihe ibihugu vya Ethiopia na Misiri navyo vyafashe ingingo yo gushikiriza ikibazo kiri hagati yavyo kw’ikoreshwa ry’uruzi Nile muri Amerika hakukizana mu Muryango wa Afrika.

Perezida Museveni ati: “Uko ni ukwisuzuguza mu kuja kurondera inyishu y’ibibazo muri ivyo bihugu bibacuranguza, aho gukoresha ubwenge bwacu kugira ngo dutorere umuti iki kibazo”.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano