Intango Mu Makungu Vyemejwe Ubwongereza bugiye kuva mw’ishirahamwe rya Buraya

Vyemejwe Ubwongereza bugiye kuva mw’ishirahamwe rya Buraya

0
4
(2)

Ubu ibendera ry’Ubwongereza ntirikiri mu kibanza ryahora rimanitsemwo imbere y’ibiro bibuserukiye i Buruseri, mu kwerekana ko ico gihugu kivuye muri iryo shirahamwe nyuma y’imyaka 47.

Ubwongereza burava icese mw’ishirahamwe rya Buraya saa sita z’ijoro ku masaha y’i Buruseri.

Ishirahamwe rya Buraya canke UE ntiriramenyesha igihe ibendera ry’Ubwongereza rizomanurirwa aho rimanitse imbere y’ibiro vyaryo.

Ariko ivyo navyo birashobora kuba mw’ijoro, kugira ntibihave biboneka ko butigeze bushaka ko Brexit iba.

Hagati aho mu Bwongereza, umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yaremesheje inama na leta yiwe i Sunderland, umuji uri mu buraruko bushira ubuseruko watangaje ubwa mbere ivyavuye mu matora ya Brexit.

Ibiro vyiwe biraza gusohora ubutumwa yashikirije isaha zine z’ijoro ku masaha yo mu Bwongereza, isaha imwe imbere y’uko Ubwongereza buva icese muri EU.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano