Intango Mu Makungu Amerika Urubanza rwerekeye Perezida Trump rwaheze uyu musi

Urubanza rwerekeye Perezida Trump rwaheze uyu musi

0
5
(2)

Urubanza rwa perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump, mu nama nkenguzamateka ku birego vyashikirijwe n’inama nshingamateka vy’uko yakoresheje nabi amabanga yiwe ku nyungu za politike ziwe bwite n’ukuba yabereye intambamyi imirimo y’inama nshingamateka rwaheze uno musi ku wa gatatu.

Vyari vyitezwe ko ibirego yagirizwa bihanagurwa n’inama nkenguzamateka. Abagize inama nshingamateka bakoranye mu masaha y’inyuma y’umutaga kugira bafate ingingo inyuma y’urubanza rwari rumaze indwi zibiri.

Kugira Perezida Trump avanwe ku butegetsi, bibiri vya gatatu vy’abagize inama nshingamateka 100 bategerezwa guhitamwo kumwegekako ibirego yagirizwa.

Yamara umugambwe w’Abarepublikani ufise ibibanza 53 ku bibanza 47 vy’umugambwe w’Abademokrate. Akaba ata murepublika numwe arerekana ko azokwegeka ivyaha kuri Prezida Trump.

Ku ruhande rw’Abademokrate nta numwe aravuga ko azokwitandukanya na bagenziwe mu guhitamwo kwambika izera Perezida Trump.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano