Intango Mu Makungu Amerika Umwe mu bategetsi ba Amerika ati Coronavirus izotuma ubuzi bwiyongera

Umwe mu bategetsi ba Amerika ati Coronavirus izotuma ubuzi bwiyongera

0
0
(0)

Vyavuzwe n’umunyamabanga ajejwe ubudandaji wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Wilbur Ross, avuga ko ikiza ca coronavirus mu Bushinwa gishobora gutuma ubutunzi bwa Amerika bwiyongera.

Mu kiganiro yagiranye na televiziyo imwe, Bwana Ross yavuze ati: “Ndibaza ko kizofasha mu kugarukana ubuzi bwinshi muri Amerika ya Ruguru”.

Ayo majambo yiyamirijwe bikomeye n’abanegura ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump.

Ikwirakwira ry’ico kiza ryatumye haba ubwoba ko ubutunzi bw’Ubushinwa bushobora kugira ibibazo.

Yishura ku kibazo yari abajijwe na televiziyo Fox Business nimba ico kiza gishobora kugira ingaruka mbi ku butunzi bwa Amerika, Bwana Ross yavuze ati: “Si nipfuza kuvuga ko ari intsinzi ntoya mfatiye ku ndwara nk’iyo ije guteza ibibazo, indwara mbi cane”.

“Ariko ikiriho ni uko ivyo bituma amakompanyi aronka ikindi kintu afatirako mu bikorwa vyayo n’aho akorera… Rero ndibaza ko ivyo bizotuma ubuzi bugaruka muri Amerika ya uguru”.

Mu nyuma niho ubunyamabanga bw’ubudandaji bwasubiramwo amajambo yiwe buti : “Nk’uko umunyamabanga Ross yabisiguye, igikorwa ca mbere ni ukurwanya uwo mugera no gufasha abawanduye”.

Umuvugizi wabwo ati: “Ariko kandi ni ngombwa kwihweza neza ibijanye no gukorana n’igihugu kimenyereye kunyegeza ibibazo bihanze abanyagihugu baco n’isi yose”.

Ayo majambo yiyamirijwe bikomeye n’umushingamateka w’umu Démocrate Don Beyer abona ko ari ugukina ku muvyimba abantu mu gushaka kwungukira ku kiza ruhonyanganda nk’ico.

Eka n’abahinga muvyo ubutunzi baneguye ayo majambo ya Bwana Ross.

Simon Baptist umuhinga muvyo ubutunzi wo mu gihugu ca Singapour yabwiye BBC ko yakubiswe n’inkuba yumvise amajambo ya Ross.

Avuga ko uwo mugera ushobora kugira ingaruka mbi kuri Amerika aho kuzana akarusho.

Ati: “Ikiriho ni uko Amerika izohahombera cane kuko n’aho bimeze uko bimaze, Amerika irashorera cane mu Bushinwa. Rero iyo ubutunzi bw’Ubushinwa bugize ibibazo bikomeye, bigira ingaruka mbi kuri Amerika”.

Ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho amagara kw’isi OMS ryatangaje ko isi iri mu bihe bidasanzwe kubera uwo mugera ubandanya ukwiragira hanze y’Ubushinwa.

Umaze guhitana abantu bashika 213 mu Bushinwa, mu gihe umaze gushika mu bindi bihugu 18.

Abahinga muvyo ubutunzi bavuga ko Coronavirus ishobora kugira ingaruka mbi cane ku butunzi bw’isi gusumba ikiza ca SARS co mu mwaka 2002-2003.

Ico kiza candukiye abantu barenga 8000, abarenga 700 nabo bahasiga ubuzima, bikaba vyasavye imiliyaridi zirenga 30 z’amadolari kugira kirwanywe.

Muri kino gihe, uwu mugera coronavirus watumye amakompanyi mpuzamakungu akomeye harimwo ay’ubuhinga bwa none, ayakora n’ayagurisha imiduga ahagarika vy’agateganyo ibikorwa vyayo mu Bushinwa.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano