Intango Mu Makungu Africa Umugabo w’umuganda yandikishije amateka yo kuba uwambere amaze gufungwa incuro nyinshi kw’isi.

Umugabo w’umuganda yandikishije amateka yo kuba uwambere amaze gufungwa incuro nyinshi kw’isi.

0
5
(3)

Umunyaporitike asanzwe atavuga rumwe na reta ya Uganda niwe muntu yaraye yandikishije amateka ashirwa mugitabo ca Guiness de Record nk’umuntu wa mbere mu mateka y’isi amaze gufungwa incuro nyinshi.

Dr Kizza Besigye,umunyaporitike atavuga rumwe na reta ya Uganda irongowe na Yoweri Kaguta Museveni,niwe yaraye yandikishije amateka yo kuba ariwe muntu wa mbere kw’isi amaze guhagarikwa agafungwa n’igipolisi incuro nyinshi.

Besigye akaba yandikishije ayo mateka yo kuba ariwe muntu wa mbere amaze guhagarikwa no gufungwa n’igipolisi incuro nyinshi kw’isi, inyuma yoho kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 20 Nzero 2020,afatiwe n’igipolisi ca Uganda agafungwa kuncuro igira iya 50.

Nkuko vyanditswe mugitabo ca Guiness de Record,ntawundi muntu n’umwe kw’isi yaribwashobore guhagarikwa n’inzego z’umutekano incuro zishika 50 zose,Dr Kizza Besigye akaba abaye uwambere yandikishije ayo mateka.

Mu mwaka wa 2016,mugihe haba amatora mugihugu ca Uganda,niho Dr Kizza Besigye yafunze incuro nyinshi cane kuko yashoboye gufungwa incuro 15 zose muri uyo mwaka umwe gusa .

Dr Kizza Besigye akaba asanzwe ari umwe mundongozi zatanguje umugambwe FDC ( Forum pour le changement démocratique) mu mwaka wa 2000,uwo mugambwe ukaba usanzwe utavuga rumwe na reta ya Uganda ndetse akaba amaze kwitoza incuro 4 mumatora y’ikibanza c’umukuru w’igihugu yaserukiye uwo mugambwe nyene ariko akaba atarigera atsinda na rimwe.

Imbere yuko atanguza uwo mugambwe wa FDC mu mwaka wa 2000,Dr Kizza Besigye yarasanzwe arikumwe mu mugambwe wa NRM urongowe n’umukuru w’igihugu ca uganda Yoweri Kaguta Museveni ariko bikaba btakunzeko babandaniriza hamwe urugamba rwa poritike kubera ivyo batahurizako.

Twobibutsako,Dr Kizza Besigye asanzwe yize amashure ajanye nivyo kuvura,ndetse akaba yarabaye umusirikare akomeye w’igihugu ca Uganda kuko yahoze afise ipete rya Colonel.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano