Intango Breaking News Portugal: Konti za banki za Isabel dos Santos n’umugabo we Sindika Dokolo...

Portugal: Konti za banki za Isabel dos Santos n’umugabo we Sindika Dokolo zafatiriwe

0
5
(4)

Igihugu ca Portugal categetse ko konti za banki za Isabel dos Santos zifatirwa. Ibiro vy’ubushinjacaha mu muji wa Lisbon vyemeje ko konti zose za dos Santos n’umugabo we Sindika Dokolo zafatiriwe.

Isabel dos Santos

Ivyaha dos Santos, ashinjwa byinshi yabikoze ubwo yayoboraga sosiyete y’igihugu itunganya amavuta ya Sonangol.

Asanzwe ari we mugore wa mbere ukize muri Afurika akaba n’umukobwa w’uwari Perezida wa Angola, Jose Eduardo Dos Dantos.

Bivugwa ko afite imitungo ifite agaciro ka miliyari zirenga ebyiri z’amadolari. Ubushinjacyaha bwa Portugal buvuga ko bwafashe icyemezo cyo gufatira izo konti kubusabe bw’ubushinjacyaha bw’Angola.

Dos Santos w’imyaka 46 ahakana ibirego ashinjwa akavuga ko akurikiranywe kubera impamvu za politike. Umushinjacyaha mukuru w’Angola yarahiriye kuzagarura Isabel dos Santos mu gihugu kugirango abazwe umutungo yanyereje.

Dos Santos yavuye i Luanda nyuma y’uko, uwasimbuye se ku buyobozi, perezida Joao Lourenco, agiye ku butegetsi mu 2017. Dos Santos yakunze kubarizwa hagati y’umujyi wa Lisbone muri Portugal n’uwa Londres mu Bwongereza.

Abashinjacyaha muri Angola mu mpera z’umwaka ushize bafatiriye amafaranga ya Isabel dos Santos ari mu ma banki no bikorwa bye by’ubucuruzi afatanyije n’umugabo we w’umunyekongo, Dokolo.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano