Intango Mu Makungu Africa Perezida Magufuli yirukanye umukozi wa leta kubera yatabuye Ikorowani

Perezida Magufuli yirukanye umukozi wa leta kubera yatabuye Ikorowani

0
3.7
(3)

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli amenyesha ko yirukanye burundu mu kazi umukozi wa leta yatabuye igitabo ceranda c’Ikorowani, maze akwiragiza isanamu ku mbuga hwaniro ariko arayitabura.

Yatangaje iyo ngingo uno munsi mu gihe yari mu birori vyo kwugurura ibiro vy’akarere ka Kigamboni mu gisagara ca Dar es Salaam.

Ati: “Nyakwubahwa Jafo, hirya y’ejo niho numva, ko hari umuntu hariya i Kilosa yatabuye igitabo ceranda”.

“Ndagushimiye cane kubona warafashe ingingo yo kuba uramuhagarika, ariko jeho ndamwirukanye burundu. Mwandikire ikete ko yirukanywe burundu”.

“Atsinda urubanza canke atsindwa, uyo ntakiri umukozi wa leta, ntidushobora kubandanya dukorana n’abakozi b’ibijuju nk’abo muri ino leta”.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji ajejwe ubutegetsi bw’intara n’amakomine, Selemani Jafo, yategetse ko umukozi w’ibiro vy’akarere ka Kilosa mu ntara ya Morogoro, Daniel Elimringi, ahagarikwa, ku caha co gutabura igitabu c’idini rya Isilamu, Ikorowani.

Jafo ati: “Ni ukuri, iki kintu cakozwe n’umukozi nk’uyu nta ciza kizanira igihugu cacu kubera abanyagihugu bacu mu madini yose basanzwe babanye mu mahoro kandi bubahana mu butandukane”.

Iyo ngingo ya Jafo yafashwe inyuma y’aho isanamu yerekana uyo mukozi wa leta mu gisata c’ubudandaji mu biro vy’akarere ka Kilosa ariko aratabagura ico gitabo, ikwiragijwe ku mbuga hwaniro zitandukanye.

Ikinyamakuru Mtanzania co muri ico gihugu kimenyesha ko uyo mukozi yamaze kurengutswa muri sentare, kandi ko yankiwe kuburana yidegemvya.

Ico kinyamakuru gitangaza ko urwo rubanza ruzosubira kwumvirizwa ku wa 20 z’uku kwa kabiri.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano