Intango Mu Makungu Africa Omar al-Bashir agiye gushikirizwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Omar al-Bashir agiye gushikirizwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha

0
5
(1)

Ubutegetsi bwa Sudan buramenyesha ko bugiye gushikiriza sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye uwahoze arongoye ico gihugu Omar al-Bashir.

Iyo ngingo yavuye mu biganiro vy’amahoro hagati la leta ya Sudani n’imirwi irwanya ubutegetsi yo mu ntara ya Darfur.

Tukibukako Bashir yagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vyo guhungabanya agateka ka zinamuntu mu ntambara yo mu ntara ya Darfur yadutse mu mwaka wa 2003.

Abashikirizamanza ba sentare Mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye basaba ko uyo yahoze arongoye Sudani acirirwa urubanza ku vyaha yagirizwa vyo mu ntara ya Darfur.

Umuvugizi wa leta, Mohammed Hassan Eltaish, avuga ati: “Nta butungane bushobora kuhaba mu gihe abakoze amabi badahanywe”.

“Twemeranije ko uwo wese yasohorewe umutahe n’iyo sentare ategerezwa kurengutswa. Nshaka ko ico kintu mukimenya neza”.

Ishirahamwe ONU rimenyesha ko hafi abantui 300.000 bagandaguwe abandi nabo imiliyoni 2.5 barata izabo mu ntambara yabaye muri iyo ntara.

Ubutungane bwa Sudani nabwo nyene buramwagiriza ko yagandaguye abari mu myiyerekano yatumye abogozwa ku butegetsi.

Bwana Bashir yarongoye igihugu ca Sudani kuva mu 1989 atembagaje ubutegetsi, akaba azwi ko yatwaye ico gihugu mu gahotoro.

Yakuwe ku butegetsi n’igisirikare mu kwa kane 2019 inyuma y’imyiyerekano yo kumwiyamiriza yari imaze amezi atari make.

Mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, Omar al-Bashir yari yaciriwe umunyororo w’imyaka ibiri yagirizwa icaha c’ukurya ibiturire.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano