Intango Mu Makungu Asia Mubuhinde habonetse ikibazo ca Airtel yashira mu kibazo amakuru y’abayikoresha

Mubuhinde habonetse ikibazo ca Airtel yashira mu kibazo amakuru y’abayikoresha

0
0
(0)

Hari ikibazo catahuwe muri telefone zikoresha umurongo wa kompanyi y’itumanako ya Airtel ya gatatu mu bunini mu Buhinde cashoboraga gushira mu bibazo amakuru y’abarenga miliyoni 300 bayikoresha muri ico gihugu.

Iyo nenge yatahuwe mu buryo bwa Application Program Interface (API) bwa app zo kuri telefone zikoresha umurongo wa Airtel.

Yashoboraga kwifashishwa n’abinjira mu mabanga yo kuri za telefone, bakaba babona amabanga y’abafatabuguzi bakoresheje gusa nimero za telefone z’abafatabuguzi.

Ayo makuru yari kugerwaho arimo ibintu nk’amazina, email, itariki y’isabukuru y’amavuko ndetse n’aho abafatabuguzi ba Airtel baherereye.

Iyo nenge yakosowe nyuma yaho BBC imenyeshereje kompanyi ya Airtel ko hari ikibazo.

Umuvugizi wa Airtel yabwiye BBC ati: “Hari hari ikibazo cya tekinike muri imwe muri za API [Application Program Interface] z’igerageza, kikaba cyakemuwe tumaze kubimenyeshwa”.

Yongeyeho ati: “Uburyo bwa ‘digital’ bwa Airtel bufite umutekano wo ku rwego rwo hejuru. Amakuru ajyanye n’ubuzima bwite bw’abakiliya bacu ni ikintu duha agaciro bwa mbere na mbere kandi dukoresha uburyo bwiza cyane bushoboka mu kurinda imbuga zacu za ‘digital'”.

Iyo nenge yatahuwe na Ehraz Ahmad, umushakashatsi wigenga ku bijyanye n’umutekano. Yabwiye BBC ati: “Byamfashe iminota 15 ngo mbone iyi nenge”.

Byiyongera ku makuru bwite yashoboraga kubonwa, nimero yihariye y’umwirondoro wa buri telefone – izwi nka ‘International Mobile Equipment Identity’ (IMEI) – nayo yashoboraga kuboneka.

Kugeza mu mpera y’ukwezi kwa cyenda uyu mwaka, kompanyi y’itumanaho ya Airtel yari ifite abafatabuguzi bagera hafi kuri miliyoni 325 mu Buhinde, nkuko bikubiye muri raporo y’urwego rugenzura kompanyi z’itumanaho muri icyo gihugu.

Ni iya gatatu mu zifite abafatabuguzi benshi, nyuma ya Vodafone-Idea ifite miliyoni 372 na Reliance Jio ifite abafatabuguzi miliyoni 355.

Mu kwezi kwa cumi uyu mwaka, kompanyi ikoreshwa mu Buhinde mu buryo bwo gushakisha amakuru kuri internet no kuri telefone izwi nka ‘Justdial’ yasanganywe inenge mu buryo bwayo bwa API – ibintu byashoboraga kugira ingaruka kuri miliyoni 156 z’abayikoresha mu Buhinde.

Kompanyi ‘Justdial’ yemeye ko koko hari hari iyo nenge yashoboraga guha icyuho impuguke mu kwinjira mu mabanga yo kuri internet.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano