Intango Breaking News Malawi: Ingingo ya sentare kumatora ishobora gutera uruhagarara

Malawi: Ingingo ya sentare kumatora ishobora gutera uruhagarara

0
5
(1)

Igiporisi muri Malawi gitangaza ko kuri uyu wa mbere cugara amabarabara agana kuri sentare ntahinyuzwa ku murwa mukuru Lilongwe, aho vyitezwe ko abacamanza bashikiriza urubanza kubitwaye bahakana ivyavuye mu matora yo mu mwaka uheze.

Ayo matora yongeye Perezida Peter Mutharika manda igira kabiri. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yasavye ko ivyavuye muri ayo matora yo mu kwezi kwa gatanu bifutwa.

Bitwaye bavuga ko umugwi w’igihugu ujejwe amatora wahaye intsinzi Mutharika mu matora yabayemwo ubusuma n’utunenge twinshi.

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’afrika vyishinze iterambere ryasohoye itangazo risaba abanyemalawi kuguma batekanye inyuma y’iyo ngingo ya sentare.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano