Intango Breaking News Kuncuro ya mbere,umurundi ari mubahinga bakoze indege ya Boeing 777X.

Kuncuro ya mbere,umurundi ari mubahinga bakoze indege ya Boeing 777X.

0
4
(3)

Kuncuro ya mbere mu mateka y’igihugu c’uBurundi,habonetse umurundi mubahinga (Ingenieurs) bakoze indege yo mu bwoko bwa Boeing 777X.

Georges Ndayizeye,niwe murundi amaze kumenyekana ko ari mu bahinga bakoze indege yo mu bwoko bwa Boeing 777X mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika nkuko tubisanga kuri site web ya Boeing.

Ubwoko bw’indege ya Boeing 777X yakozwe n’abahinga batandukanye harimwo umurundi,Ir Georges Ndayizeye,yatanguye kuguruka ubwa mbere kw’igenekerezo rya 25 Nzero 2020,ariko bikaba vyaribitegekanijwe ko itangura gukora ingendo kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2019 ariko bikaba bitakunze kubera ikibazo c’ubuhinga bw’ivyo bita reacteurs bitari bimeze neza.

Ir Georges Ndayizeye,umurundi yashoboye kuba umwe mu bahinga bakoze indege yo mu bwoko bwa Boeing 777X,yavukiye mu ntara ya Makamba,ariko akaba yashoboye gushika mugihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mu mwaka wa 2001 mugihe yarahunze urwimo igihugu c’uBurundi carimwo,ndetse mu mwaka wa 2014 akaba ariho yahabwa ubwenegihugu bwa reta zunze ubumwe za Amerika.

Uwo murundi ari mubakoze indege ya Boeing 777X,yarize muri ico gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kw’ishure kaminuza rya UNCC (University of North Caroline at Charlotte) aho yize ibijanye na Genie Mecanique,ndetse akaba yarahakoze n’ubushakashatsi butandukanye.

Ir Georges Ndayizeye akaba yahawe akazi na Boeing ko gukora indege mu mwaka wa 2008 mugihe iyo sosiyete yari ko irakora ibikorwa vy’ihayanisha gurishwa aho Ndayizeye Georges yagerageza kubabaza ibibazo bitandukanye,abari babijejwe baca babonako hari ibintu vyinshi azi baca batangura nawe kumubaza ibibazo baca bagirako bamwemerera akazi ubwo nyene.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano