Intango Mu Makungu Africa Imfashanyo igera Ku miliyoni 5 $ yahawe impunzi z’abarundi mu Rwanda

Imfashanyo igera Ku miliyoni 5 $ yahawe impunzi z’abarundi mu Rwanda

0
5
(2)

Igihugu c’Ubwongereza catanze imfashanyo ya milioni 5 $ ku mpunzi z’Abarundi mu Rwanda mu ntumbero yo kuzibira ikinogo cari kihari ku bjanye no gufasha impunzi z’Abarundi kuva mu mwaka wa 2015.

Iyo mfashanyo y’igihugu c’Ubwongereza ingana na milioni 5 z’amadolari yabanyamerika ikaba ingana na miliaridi nka 10 z’Amarundi agiye gufahsa abarundi bashika ku bihumbi 60 bari mu nkambi y’impunzi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda.

Iyo mfashanyo y’Ubwongereza izoca ihabwa ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw’isi, PAM, hama habe ivyo gutinganya neza kugaburira izo mpunzi z’Abarundi.

Nk’uko abatanze iyo mfashanayo babivuga, iyo mfashanyo izofasha na cane cane abakenyezi, abigeme hamwe n’impfuvyi usanga zititabwaho ku rugero rumwe nk’abandi.

Mukibuka ko hasanzwe hari uruhagarara hagati ya Gitega na Kigali ku bijanye n’iyo nkambi ya Mahama mu Rwanda kubera ko Gitega yagiriza Kigali kumenyereza ivya gisirikare imikangangara iba muri iyo kambi hama ikaza gutera Uburundi.

Urwanda rurahakana ivyo birego rwivuye inyuma.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano