Intango Breaking News Gaston Sindimwo yiyemeje kwegeranya aba “PORONA”

Gaston Sindimwo yiyemeje kwegeranya aba “PORONA”

0
5
(1)

Gaston Sindimwo aherutse kugenwa n’umugambwe URPONA avuga ko mu migambi nyamukuru afise ari ukwegeranya abanywanyi b’uwo mugambwe bacitsemwo ibice.

Umugambwe UPRONA uri mu migambwe yatanguye gucibwamwo ibice ubwa mbere, cane cane inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993 ryatumye igihugu cinjira mu ndyane za politike.

Gaston aravuga ati: “Twebwe turizera cane rwose y’uko bizotworohera kuko mu migambi twashize imbere twifuje y’uko abiyita bose ko ari aba Rwagasore, ni ukuvuga Abaporona, bosubira mu ruhongore bakareka guterana ibidashika bakaza tugatera iteka uwo mugambwe. Arongera ati:”Umugambwe ni wafata ubutegetsi nta n’umwe azobura ico akora”.

Naho ku bivugwa ko ubutegetsi butorohereza abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD, Bwana Sindimwo avuga ko ata ngorane nini abonamwo ngo kuko hari ibiganiro biba buri kwezi hagati y’abanyamigambwe kugira ngo batorere umuti ingorane zokwibonekeza.

Bwana Sindimwo, arishimira ko yafatanije n’umugambwe uri ku butegetsi mu gushira mu ngiro imigambi yawo, “cane cane ko abarundi tubakuramwo amacakubiri ku buryo ata murundi asubira kwiyumvira y’uko kuba Umuhutu canke Umututsi hariho ikirengeye”.

Umugambwe UPRONA ko washinzwe mu 1958 igihe u Burundi bwariko burondera intahe y’ukwikukira.

Watsinze amatora y’abashingamateka yo ku wa 18 z’ukwezi kw’icenda 1961, intsinzi yashikanye u Burundi ku ntahe y’ukwikukira.

Kuva mu 1966 intwaro ya cami iranduwe, intwaro y’umugambwe UPRONA yaciye ifuta iyindi migambwe yose yari ihari, maze usigara ariwo mugambwe umwe rudende wiganje mu gihugu.

Mu ntango z’imyaka ya 1990, aho ibihugu vyinshi vyinjiriye mu ntwaro z’imigambwe myinshi, ibintu ntivyoroshe kuri UPRONA kuko mu matora yo ku wa 01/06/1993, UPRONA yaratsinzwe n’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU wa Melchior Ndadaye.

Kuva Perezida Ndadaye agandaguwe, u Burundi bwinjiye mu ndyane za politike, UPRONA nayo itangura gucibwamwo ibice, kimwe kimwe cose ciyita ko ari co nyene iragi.

Kubera amabi igihugu cagiye gicamwo inyuma y’igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore mu 1961, muri kino gihe, umugambwe UPRONA bamwe mu Barundi bawubona nk’uwigaruriwe.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano