Intango Mu Makungu Africa Evariste Ndayishimiye niwe azoserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije kuba

Evariste Ndayishimiye niwe azoserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije kuba

0
2.7
(3)

Kuri uyu wa Mungu 26/01/2020 niho Jenerali Majoro Evariste Ndayishimiye yemezwa n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ngo azoserukire uwo mugambwe mu matora ategekanijwe mu kwa gatanu uno mwaka.

Yatowe mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’uwo mugambwe ryabereye i Gitega, umugwa mukuru wa politike w’u Burundi, inyuma y’igikorane cari kimaze minsi itatu kibera muri iyo ntara.

Iryavuzwe riratashe kuko izina rya Evariste Ndayishimiye ryari rimaze iminsi rizunguruka ku mbuga hwaniro zitandukanye ko ari we afise amahirwe yo guhiganirwa ico kibanza kugira ngo asubirire Perezida Petero Nkurunziza.

Evariste Ndayishimiye yinjiye mu rutonde rw’abandi ba candida bamaze kumenyesha ko bemejwe n’imigambwe yabo kugira ngo bayiserukire muri ayo matora ategurwa ko azoba ku wa 20/05/2020.

Mu mwaka wa 2018, u Burundi bwarahinduye ibwirizwashingiro, ivyanuganurwa ko yari amayeri ya Perezida Nkurunziza yo kurondera kwigumiza ku butegetsi, nk’uko abakuru b’ibihugu vyinshi vya Afrika basanzwe babigira.

Hagati aho, umunsi ariterako igikumu yatangaje abatari bake aho amenyeshereje ko atazokwisubirako ku vyo yari yemeye igihe yitoza mu 2015, ko cari ikiringo ciwe ca nyuma.

Ariko kuri benshi, amazinda ntiyaheze n’aho yagumye abisubiramwo igihe cose. Rero, ayo matora abaye mu mugambwe CNDD-FDD amaze amazinda ku bibaza ko Perezida Nkurunziza yari agifise umugambi wo gusubira kwitoza ngo abandanye atwara igihugu.

Evariste Ndayishimiye ni umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kuva mu kwezi kw’umunani 2016, aho uwo mugambwe usubiriyemwo itunganywa ryawo, asubirira Pascal Nyabenda yari umukuru wawo.

Yavukiye muri komine Giheta y’intara ya Gitega ubu isigaye ari umugwa mukuru wa politike w’u Burundi kuva mu 2018. Ku myaka 52 y’amavuko, Evariste Ndayishimiye aharurwa mu bategetsi bakomeye b’igihugu.

Jenerali Ndayishimiye azwi ko yarwanye muri uwo mugambwe ucitwa umuhari, mu ntambara yadutse mu Burundi inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye yari amaze amezi atatu ku butegetsi.

Melchior Ndadaye yari yatowe ku wa 01/06/1993, ashikirizwa ubutegetsi ku wa 10/07/1993. Inyuma y’amezi atatu gusa, ni ukuvuga ku wa 21/10/1993, yaragandaguwe n’igisirikare c’ico gihe, bica bituma igihugu cinjira mu ntambara hagati y’Abarundi bo nyene yamaze imyaka irenga cumi.

Jenerali Ndayishimiye ari mu bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwakorewe abanyeshure b’Abahutu kuri kaminuza y’u Burundi mu kwa gatandatu 1995.

Yaciye ahamvya abandi barwanyi b’umuhari, ico gihe wari ucitwa CNDD ishami ryawo rikitwa FDD, urongowe na Leonard Nyangoma yawutanguje mu 1994.

Uyo muhari, mu nyuma wagiye kwitwa CNDD-FDD, umaze kwinjira mu masezerano y’amahoro ya Arusha yo mu 2000 ugashira ibirwanisho hasi mu 2003, Jenerali Ndayishimiye yarakoze mu biro bikuru vya gisirikare.

Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu ya 2005 yatsinzwe na CNDD-FDD, Jenerali yaragenywe nk’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu 2006-2007, imbere y’uko agenwa kuba umuhanuzi wa gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano