Intango Breaking News EduTech program yatanguye i Bujumbura mu mashure mato mato

EduTech program yatanguye i Bujumbura mu mashure mato mato

0
0
(0)

Mu gisagara ca Bujumbura na cane cane muburaruko bwico gisagara ca Bujumbura mu gice ca Kamenge ,bamwe mu bana biga mu mashure mato mato batanguye kwiga bakoresheje ubuhinga bwa none EduTech program.

Ubu buhinga bwa EduTech program bwatanguje n’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya Politike risanzwe rikorera mu gihugu c’Uburundi rizwi nka AFRICASTARTUP-Burundi ,iri shirahamwe rikaba ryarashoboye gukora ikibanza co kwigiramwo kirimwo ibikoresho vya kijambere bifasha abana kwiga no gutahura ivyo baba bariko bariga biboroheye cane.

Uyu mugambi wa AFRICASTARTUP-Burundi  ukaba usanzwe ahanini ufise intumbero yo gushira  hamwe ubuhinga bwa none hamwe n’ubuhinga bwo kwigisha mu ntumbero yo gufasha ahanini abana kwiga borohewe no kwiga ivyo basa bariko barabona.

Uyu mugambi wa AFRICASTARTUP-Burundi ukaba utazoguma gusa mu gisagara ca Bujumbura ,kuko iri shirahamwe ritegura kuwujana mu ntara zo hagati mu gihugu kugira nabari hagati mu gihugu nabo bashikirwe.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano