Intango Mu Makungu Africa Abarenga 6000 bahambwe mu binogo 6 ku Ruvubu nibo batowe n’umurwi CVR

Abarenga 6000 bahambwe mu binogo 6 ku Ruvubu nibo batowe n’umurwi CVR

0
5
(1)

Kuva ibikorwa bitanguye kugeza uyu musi, umurwi ujejwe ukumenya ukuri n’ukurekuriranira mu Burundi waratoye ibisigarira vy’abantu 6032 batawe mu binogo bitandatu mu bwicanyi bwo mu 1972.

Avugana na BBC, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi avuga ko ivyo binogo biri muri 18 babwiwe ko biri ku mutumba wa Bukirasazi wa komine Shombo y’intara ya Karusi, aho bamaze indwi zibiri bakora ico gikorwa.

Kuva u Burundi bwikukira mu 1962, bwaranzwemwo ubwicanyi bwa politike ishingiye ku moko, cane cane hagati y’Abahutu n’Abatutsi, aho ubuzwi cane ko bwahekuye igihugu gusumba ari ubwo mu 1972, bwahitanye Abahutu.

Ku munsi wa gatanu bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira imigambwe, abashingamateka n’abakenguzamateka, abihebeye Imana, n’abandi benshi barashitse aho bariko barakorera kugira ngo bibonere ivyabaye.

Bwana Ndayicariye avuga ko ivyo bariko baratora muri ako karere kari ku ruzi Ruvubu mu karere kagabura intara ya Gitega na Karuzi biteye agahinda.

Avuga ko muri ivyo bitandatu, ica gatandatu arico cari kinini gusumba vyose, capima uburebure bw’imetero 10, ubwaguke bw’imetero icenda, uja mu kuzimu naho imetero zibiri n’igice, bakaba bagisanzemwo abantu 1319.

Bwana Ndayicariye avuga ko hampande y’amagufa azunguruka mu binyamakuru, avuga ko batoramwo n’ibindi bitandukanye, harimwo n’ivyambarwa abagandaguwe bari bambaye, mbere n’ivyakoreshejwe mu kubagandagura.

Ati: “Impuzu, ibirato, amarori, imidari, amashapure, za karangamuntu zitagisomeka kubera zaciweko bivu n’amazi, hamwe n’ibisigarira vy’amasasu yakoreshwa mu kubica mbere n’amasasu atakoze, biri mu vyo dutora muri ivyo binogo vyatawemwo abagandaguwe mu 1972”.

Avuga ko baronka ivyabona vyinshi bibamenyesha ko ako gace hatawemwo abantu benshi cane bo mu mice itandukanye y’igihugu, harimwo abakozi ba leta, abadandaza, abihebeye Imana n’abandi batari bake, bamwe mbere bapfa urupfu ruteye agahinda.

Ati: “Twaranabwiwe ko benshi babazana bagihema, bakabahohosha bamaze kubaryamika mu binogo, mbere bamwe bakanabafurira bagihema, imashini igaca iza igasukako ibivu, vyumvikana ko bapfuye urupfu ruteye agahinda”.

Ku wa gatanu, Musenyeri mukuru wa Gitega Simoni Ntamwana ari kumwe n’abandi bihebeye Imana batari bake, yararongoye igisabisho co guhezagira ivyo bisigarira, bamwe mu babuze ababo baronka akaryo ko gusabira ababo bishwe muri ubwo bwicanyi.

Umurwi CVR utegura guhambana iteka abo bantu bagandaguwe muri ubwo bwicanyi.

Pierre-Claver Ndayicariye avuga ko umurwi arongoye ufise ishaka ryo kubandanya urondera ukuri ku vyabaye kugira ngo abarundi, baba abiciwe canke abishe, babohoke, maze bafate icemezo co kudasubira kugwa mu bwicanyi.

Ati: “Muri ibi bikorwa badushinze, twemereye Abarundi gukora turondera ukuri kuzofasha abanyagihugu bose mu mice itandukanye, ukuri kubafasha kubohoka, mu ntumbero yo kubafasha kunywana mu kwiyemeza bati ivyabaye ntibigasubire”.

Mu cegeranyo uyo murwi uherutse gushikiriza inama nkenguzamateka na nshingamateka, Bwana Ndayicariye umenyesha ko umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 mu gihugu cose vyahambwemwo abantu bishwe mu magume atandukanye u Burundi bwagiye buracamwo kuva bwikukira.

Ino nkuru mubona imeze gute?

Fyonda akanyenyeri kugira utore!

28709

Nta numwe aratora! Ba wa mbere kugira ico uvuze kurino nkuru.

Kwamamaza

TANGA ICUYUMVIRO

Shiramo iciyumviro canyu
Shiramo izina ryanyu hano