Abigeme bashika ibice 32 kw’ijana nibo biteguriwe kwakirwa muri Kaminuza y'Uburundi mu mwaka w'ishure wa 2019-2020 | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Education

Abigeme bashika ibice 32 kw’ijana nibo biteguriwe kwakirwa muri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’ishure wa 2019-2020

Umwaka w’ishure wa 2019-2020 muri Kaminuza y’Uburundi uzotangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 20 Nzero 2020. Abanyeshure 4.801 bahejeje mu mwaka wa 2018 hamwe n’abamenye muri 2017 batari baje kwiga, nibo bakwiragijwe mu bisata bitandukanye vya Kaminuza y’Uburundi

« Iyandikwa nyezina mu bisata bitandukanye vya kaminuza ryatanguye kuri uwu munsi wa 2 igenekerezo rya 14 Nzero, rikazorangira ku munsi wa 3 igenekerezo rya 22 Nzero 2020 igihe c’isaha 6 z’umurango », nk’uko vyashikirijwe na Faraswa Havyarimana arongoye iyo kaminuza, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Havyarimana, Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi amenyeshako iryo kwiragizwa ry’abanyeshure mu bisata vya kaminuza ryisunze igitigiri c’abanyeshure igisata cose gishobora kwakira, ivyo umunyeshure yize mu mashure yisumbuye hamwe n’amanota yarose mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza kugira ntihagire abanyeshure baja mu bisata bashaka mugabo ata bumenyi buhagije bafise bwo kuvyigamwo. Ati : « Umuntu ntiyiga ivyo ashaka, yiga ivyo ashoboye ».

Havyarimana ashikiriza ko mu banyeshure 4801 bakwiragijwe muri ivyo bisata, 2793 barashoboye kuronka kimwe mu bisata bari basavye, nk’uko intumbero nshasha y’Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi iha umunyeshure uburenganzira bwo kwitorera ibisata 3 ashaka kwigamwo. Ni ukuvuga ibice 58 kw’ijana vy’abari biyandikishije. Muri bo, abigeme bakaba bashika hafi ibice 32 kw’ijana. Ariko abakoze ikibazo mu gisata c’ubuganga n’igisata co gutororokanya ibiharuro bikorerwako mw’iterambare ntibarimwo.

Uko abanyeshure bakwiragijwe mu bisata

Mu gisata c’ubutunzi harungitswemwo abanyeshure 401, mu mategeko 150, mu bijanye n’ubuhinga (Faculté des Sciences) 396, mu buhinga (Faculté des Sciences de l’Ingénieur) 257,  ubudandaji (ISCO) 460, kwinonora imitsi 123, imibereho y’abantu (FPSE) 398, mu burimyi n’ubworozi 354, kwigisha (IPA) 1075, mu ndimi n’imico y’abantu (FLSH) 1087, ubuganga 100, mu gisata co gutororokanya ibiharuro bikorerwako mw’iterambere 103, mu gisata co gutunganya amatongo 100.

Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi amenyesha ko abanyeshure bazokwiga mu gisata c’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru TIC bazokora ikibazo mu ntango z’umwaka w’ishure kandi ko abo kizonanira bazoguma biga mu bisata bari biyandikishijemwo.

Nta munyeshure arekuriwe guhinduza igisata bamuhaye

Umuyobozi wa kaminuza amenyesha abo banyeshure ko batazokwakira amakete y’abasaba guhinduza ibisata bahawe. « umuntu ntiyiga ivyo ashaka ariko yiga ivyo ashoboye ». Avuga ko bazokwakira amakete y’abatarose ibisata ariko bari biyandikishije kandi bakwije ibisabwa. Ayo makete akaba azokwakirwa gushika kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2020 igihe c’isaha 6 zo mu gatondo. Akabasaba ko boja kwiraba ku ntonde zimanitse mu kigo c’iyo kaminuza kiri mwi Rohero, i Zege mu ntara ya Gitega hamwe n’i Nyamugerera muri Musigati mu ntara ya Bubanza kuva kuri uwu wa 2 igenekerezo rya 14 Nzero 2020.

Ibisata bishasha muri Kaminiza y’Uburundi

Muri uwu mwaka w’ishure wa 2019-2020, Kaminuza y’Uburundi yuguruye ibisata bishasha 3 : Igisata c’imibano n’imico y’abantu (Socio-Anthropologie), igisata co kumenyesha amakuru (Journalisme et Communication) mu gisata c’indimi n’imico y’abantu hamwe n’igisata co gutunganya amatongo (Administration et Cartographie Foncières) kiri i Buhumuza mu ntara ya Cankuzo. Ku banyeshure bazokwiga ico gisata co gutunganya amatongo, itariki yo gutangura umwaka bazoyimenyeshwa mu misi ya vuba.

Mwomenya ko muri uno mwaka Kaminuza y’Uburundi yafatiye ku manota 50 kw’ijana ku bize ibisata vy’ibiharuro (ScA, Maths-Physique et Technologie), 56 kw’ijana ku bize ScB, Bio-Chimie et Science de la terre, Normale, Lettres Modernes et Langues na 62 kw’ijana ku bize ibindi bisata.

Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

One Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire