Advertisement
Advertisement
Society

Abazokwikura mu matora hamaze gukorwa udukarata tw’itora bazohanwa hisunzwe itegeko rigenga amatora

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2020, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) watunganije inama ku barongoye imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi hamwe n’abitoza ku giti cabo mu ntumbero yo kwihweza no kwemeza ibimenyetso bizokoreshwa mu matora yimirije. Abarongoye imigambwe 17, urunani rumwe hamwe n’abitoza ku giti cabo 10 bakaba bemeje ibimenyetso bizobaranga muri ayo matora

Kazihise Petero Karaveri arongoye umurwi CENI amenyesha ko abanyamigambwe canke abigenga bazokwikura mu matora hamaze gukorwa udukarata tw’itora bazohanwa hisunzwe ingingo y’104 y’itegeko rigenga amatora ku bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ingingo y’135 y’iryo tegeko ku bitoza mu kibanza c’Abashingamateka n’ingingo y’166 ku bitoza mu kibanza c’Abakenguzamateka.  Ashikiriza ko izo ngingo zose zerekana ko uwutemerewe dosiye yiwe kubera imvo iyi canke iriya canke mu gihe adakwije ibisabwa asubizwa ingwati yatanze kandi ko ata kindi kintu asabwa.

Kazihise avuga ko n’aho  ivyo bimenyetso vyemejwe, umurwi ujejwe gutegura amatora CENI uzobanza kwiga amadosiye uzoshikirizwa kugira ngo wemeze canke uhakane ko uwitoza akwije canke adakwije ibisabwa mu kwitoza.

Rugema Iridefonsi, umwe mu bazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti ciwe ati : “ Jewe simbona igituma gutora inimero z’imigambwe canke abigenga zikoreshwa mu gutondekesha imigambwe kw’ikarata y’itora kwoba ntabanduka mu gihe uwitoza  ataramenya neza ko dosiye yiwe izohava yemerwa kuko ashobora gusanga adakwije ibisabwa”.

Uwurongoye umurwi CENI asigurako uwo dosiye itazokwemerwa canke agasokora ataco bizokwonona.

Imigambwe imwimwe ipfa ibimenyetso biyiranga

Ku bijanye n’imigambwe ipfa ibimenyetso nk’ivy’Incungu z’igihugu,  Banzawitonde Gaburiyeli arongoye umugambwe APDR abonako iyo migambwe itokwiyitirira izo Ncungu kuko ari Incungu z’abarundi. Gashatsi Abeli arongoye umugambwe UPRONA si uko abibona. Ati: “ Izo Ncungu zirafise imigambwe zarimwo”.

Kuri ico kibazo, Kazihise Petero Karaveri ashikirizako ubu ata migambwe ifise ibimenyetso vyotuma haba ukwitiranya aba n’abandi. Ati: “ Uko twabibonye nta bimenyetso vyoshobora guhuvya abanywanyi b’imigambwe mu gutora”.

 Mwomenya ko isango ryo gutanga amadosiye ari kuva kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma gushika kw’igenekerezo rya 05 Ntwarante 2020 ku bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu hamwe n’abajenama ba komine. Nayo ku bitoza  mu kibanza c’Abashingamateka n’Abakenguzamateka ni kuva kuwa 25 Ruhuhuma gushika kuwa 10 Ntwarante 2020.

Show More
Advertisement

Ciella Umutoni

Ciella is an author of Entertainment stories. She joined Buja Express in November 2019 and ever since published dozen of articles.

Related Articles

One Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire