Abapolisi 19 birukanywe bagirizwa ibiturire n'ubusuma | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Security
Trending

Abapolisi 19 birukanywe bagirizwa ibiturire n’ubusuma

Abapolisi 19 harimwo intwazangabo zibiri mu Burundi birukanywe mu gipolisi bagirizwa kurya ibiturire no kwiba abanyagihugu.

Ivyo vyashikirijwe na Pierre Nkurikiye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano mu gihugu, aho aho amenyesha ko hari n’abajejwe intwaro nabo nyene bafashwe muri ubwo bubisha, bose bakaba bariko barakurikiranwa n’ubutungane.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gutangaza ko mu migambi nyamukuru ya leta yiwe harimwo kurwanya igiturire n’inyuruzwa ry’itunga ry’igihugu bimwe biboneka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Bwana Nkurikiye yamenyesheje ko ibishikiye abo bantu ari “ubutumwa ku mupolisi wese, no ku bakozi bose bo muri buno bushikiranganji bushasha”.

Amenyesha ko bariko bararondera n’uwo wese yoba yarakoranye ubwo bubisha n’abo bantu kugira ngo na we nyene ace yirukanwa mu kazi.

Bwana Nkurikiye avuga ko uwuzofatwa mu makosa nk’ayo batazomureka ngo abandanye atukisha urwego rw’igipolisi.

Agabisha abakozi bo muri ubwo bushikiranganji ko kuva ubu uwuzohirahira akarya igiturire canke akanyuruza amatungo y’igihugu atazokwihanganirwa.

Ati: “Abapolisi bose bavyumye y’uko iki ari igikorwa gitanguye kandi gica kibandanya. Umupolisi wese asubira kurya igiturire canke agakora ayandi makosa atandukanye aca afutwa”.

“Mu gukubura, ubushikiranganji bwahereye mu nzu, ni ukuvuga ko buca bubandanya hanze naho”.

Asaba abanyagihugu gutanga amakuru ku bapolisi no kubajejwe intwaro kugira ngo umuntu wese azoba agomba kurya igiturire no kunyonyeza ubutunzi bw’igihugu ace afatwa ubwo nyene.

Agabisha abajejwe intwaro bo mu burere bucibonekezamwo ibiyayuramutwe n’abantu bagishora umwimbu hanze, ko ibihejeje gushikira abo bapolisi n’abajejwe intwaro ari vyo bizobashikira.

Haciye iminsi mike agenywe kurongora ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekani mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, yihutiye kugabisha abakozi b’ubwo bushikiranganji ko bokwirinda ibibatsitaza vyobatuma barya igiturire.

Yamenyesheje ko uwuzofatwa atazokwihanganirwa.

Ivyo yabimenyesheje haciye iminsi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesheje ko agiye guhasha abarya ibiturire n’abanyuruza itunga ry’igihugu, nk’uko yabimenyesheje mw’ijambo ryiwe igihe arahiza abagize leta yiwe ku wa 30/06/2020.

Iki kibazo kandi kiri mu bibazo nyamukuru vyaganiriweko n’abashikiranganji mu mwiherero wabo waraye urangiye ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi.

Muri bo harimwo umukuru wa zone Ryarusera mu ntara ya Bubanza , na goronome waho bihereje igitara c’ibiti bishika 104, umukuru wa segiteri Rugunga mu ntara y’a Bubanza yagirizwa gushaka kwica no gukubita abo arongoye.

Abandi ni abapolisi bagirizwa ububisha butandukanye mu gisagara ca Bujumbura harimwo kwaka amafaranga 500 abanyamakinga, kwiba amakinga, kwiba amafaranga bakoresheje inkoho n’ibindi.

Mu gipolisi bamenyesha ko ari intango bagiye kubandanya batuza uwo wese azogerageza gucafuza ugo rwego.

Tags
Show More
Advertisement

Bestin Gahore

Bestin Gahore joined Buja Express in 2019. He has a degree in Journalism and fluent in English and French. He's an editor of various categories of news at Buja Express.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire