Abantu bitwaje inkoho barateye abantu i Bujumbura | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Security
Trending

Abantu bitwaje inkoho barateye abantu i Bujumbura

Mu Burundimuri iyi minsi hakomeje kuvugwa ihungabana ry’umutekano rya hato na hato, aho kuri ubu i Bujumbura abantu bitwaje inkoho n’imihoro mu ijoro ryo kuwa gatanu rishira kuwa gatandatu, bateye abantu bari mu nzira bataha, bicamo abagabo babiri abandi bantu batandatu barakomereka.

Amakuru atugerako, avuga ko iki gitero cagabwe ahagana saa tatu z’ijoro, kibera ku mutumba wa Ndayi, Zone Bikanka, Komini Mukike, mu Ntara ya Bujumbura.

Mu batewe, harimo abacuruzi b’inka bari baturutse mu isoko rya Mayuyu, agace gahana imbibe n’ahitwa Bikanka. Abateye bakaba bari bihishe mu bihuru mbere yo kubatera nk’uko bitangazwa n’umwe mu barokotse.

Usivye abapfuye, abakomeretse bahciye bajanwa ku Bitaro vyo mw’Ijenda, Komine Mugongo-Manga. Umwe mu bapfuye yaje guhitanwa n’ibikomere mu gitondo co kuri uyu wa Gatandatu, mu gihe uwundi yapfiriye aho baterewe.

Amakuru aturuka mu begereye igisirikare, aravuga ko bane mu bagavye iki gitero bafashwe, bagahita bicwa n’abasirikare baturutse mu Kigo ca Mujejejuru co muri iyi Komine ya Mugongo-Manga.

Kuri uyu wa Gatandatu, abahagarariye ingabo, igipolisi n’ubutegetsi, bakaba bakoresheje inama igamije guhumuriza abanyagihugu.

Ibi bikaba bije nyuma y’igitero cigambwe n’umuhari wa Red-Tabara ku wa mungu w’indwi iheze tariki 23 Myandagaro, aho uyu muhari wavuze ko wivuganye abapolisi n’Imbonerakure nyinshi.

Tags
Show More
Advertisement

Bestin Gahore

Bestin Gahore joined Buja Express in 2019. He has a degree in Journalism and fluent in English and French. He's an editor of various categories of news at Buja Express.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire