Abagabo 3 bakatiwe imyaka 30 bazira gutera amabuye imodoka ya Perezida Evariste | Buja Express
Advertisement
Advertisement
Justice
Trending

Abagabo 3 bakatiwe imyaka 30 bazira gutera amabuye imodoka ya Perezida Evariste

Abantu batatu bagirizwa gushaka kwica Umukuru w’Igihugu c’u Burundi, Evariste Ndayishimiye, bakatiwe igifungo c’imyaka mirongo itatu.

Aba bantu 3 bakoreye amahano ahitwa Musave, zone na komine Kayanza mu ntara ya Kayanza, ubwo bateraamabuye imodoka zitwara Umukuru w’Igihugu.
Ibi vyabaye kuri tariki 05 Myandagaro 2020 ubwo Perezida Ndayishimiye Evariste yari yaramutse agenderera iyo ntara muri gahunda yihaye yo gusura hirya no hino mu gihugu.

Ntiharamenyekana icatumye aba bantu batera amabuye izi modoka zari zitwaye perezida Ndayishimiye uherutse gushiraho Leta yise “Leta mvyeyi, Leta nkozi.”

Kuwa Kane tariki ya 07 Myandagaro 2020, ubwo yari mu ntara ya Kirundo, Perezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko igihugu ciwe kidashaka umubano mwiza n’u Rwanda muri iki gihe aho yarwagirije uburyarya.

Yagize ati: “Ntibishoboka ko igihugu kivuga ko gishaka gukundana n’u Burundi kirimo kwiyorobeka, cashize ihwa mu nzira ngo turihonyore. Gikoreshe uburyarya.

Kera kugira ngo umuryango ugirane umubano mwiza n’uwundi, iyo umwana yakora ikibi agahungira mu wundi muryango, wahitaubaza uwo avukamo uti “ko uyu mwana aje iwanje n’amahoro? hanyuma abavyeyi biwe bakavuga bati “asize yononye mu rugo, muzane tumuhane. Abo bashaka ubucuti ku Burundi nibabanze baduhe abo bakoze amarorerwa tubacire urubanza. Nta Murundi wagizweho ingaruka na biriya vyago vya 2015, azotekana atabonye ababikoze bahanwe kuko iminsi yose basaba ubutungane.

Kuwa kane Ruheshi 2020 nibwo Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi rwemeje ko Gen.Evariste Ndayishimiye wo mu mugambwe CNDD-FDD ariwe yatahukanye intsinzi mu matora ya Perezida, Abashingamateka n’abarongozi ba Komini yabaye ku wa 20 z’ukwezi kwa gatanu 2020.

Amajwi y’ivyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu mu yatangajwe, yerekanye ko Gen. Evariste Ndayishimiye wa CNDD-FDD yagize 68,72%; agakurikirwa na Agathon Rwasa wa CNL wagize 24,19%.

Tags
Show More
Advertisement

Belyse Umwari

Belyse has degree in Journalism and Communication obtained at the University of Rwanda. After joining Buja Express, she has edited dozen articles and interviewed countless interesting people.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button
Close
Close

Adblock Detected

Please consider supporting us by disabling your ad blocker
Ufise ikibazo ? Twandikire